Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Isirayeri na Hamas Vyemeranije Guhagarika Ingwano


Joe Biden, Visi prezida wiwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika aha bari mu kiganiro batangaza ivya Hamas na Isirayei bemeye guhagarika intambara
Joe Biden, Visi prezida wiwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika aha bari mu kiganiro batangaza ivya Hamas na Isirayei bemeye guhagarika intambara

Prezida wa Amerika, Joe Biden, ku mutaga wo kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko Israyeri n’umurwi, Hamas, vyashitse ku masezerano yo guhagarika ingwano no kurekura abagizwe imbohe.

Yatangaje ko ayo masezeranso agenewe guhagarika ugutana mu mitwe hagati y’impande zompi mu ntara ya Gaza hamwe no kwongereza imfashanyo zigenewe abasivile b’Abanyapalestina.

Prezida Joe Biden yagize ati: "Ndashobora gutangaza ko amasezerano yo guhagarika ingwano no kurekura abagizwe imbohe yashitsweko hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. Ingwano mu ntara ya Gaza izohagarara, kandi vuba abagizwe imbohe bazotahuka mu mirayngo yabo. Ayo masezerano yashitsweko inyuma y’amezi cumi n’atanu y’ububabare. Azokwirikirwa n’ukwiyongera kw’imfashanyo zigenewe intara ya Gaza"

Mw’itangazo ritandukanye, ibiro vya Prezida Biden vyamusubiyemwo avuga ati: “Uno musi, inyuma y’amezi atari make y’ibiganiro bitari vyoroshe vyari biyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ifatanije n’ibihugu vya Misiri na Katari, Israyeri n’umurwi Hamas vyashitse ku masezerano yo guhagarika ingwano no kurekura abagizwe imbohe. Ayo masezerano azohagarika ugutana mu mitwe mu ntara ya Gaza, azotuma imfashanyo abasivile b’Abanyapalestina bakeneye vyihutirwa ziyongera, mu gihe abagizwe imbohe bazosubirana n’imiryango yabo inyuma y’ikiringo kirenga amezi 15 bari mu minwe y’abanyuruje."

Ari kumwe n'umushikiranganji w'ubutwererane n'amakungu, mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru, Prezida Joe Biden yasiguye ko ayo masezerano azokorwa mu ntambwe zitatu. Intambwe ya mbere iizomra indwi zitandatu, kandi "izoba irimwo guhagarika igwano ku buryo bwuzuye, gutahukana ingabo za Isirayeli zikava mu turere zirimwo twose tw'intara ya Gaza, no kurekura imbohe ziri mu minwe y'umurwi wa Hamas, harimwo abakenyezi, abashaje n'abakomeretse."

Prezida aherutse gutsinda amatora muri Amerika, Donald Trump, yagabishije mu ndwi iheze ko ni yo amasezerano atashikwako imbere y’uko arahira mu mabanga yo kuboyora Amerika, ibara rizorwa mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. Yihutiye guhayagiza amasezerano yashitweko, kuri uyu wa gatatu, hagati ya israyeri n’umurwi Hamas.

Forum

XS
SM
MD
LG