Abategetsi muri Koreya y'epfo, bataye mu mvuto, Prezida, Yoon Suk Yeol, yakuwe ku butegetsi kubera ivyaha vyamwagiye, mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatatu.
Ibiro bijejwe kurwanya ibiturire muri Koreya y’epfo vyatangaje ko yahagaritswe inyuma y’uguhangana hagati y’abapolisi bari baje kumuhagarika n’abari bajejwe kumukingira kwamaze amasaha atanu ku muhana iwe hari hacunzwe bikomeye cane ku murwa mukuru, Seoul.
Imodoka zari ziherekeje Yoon zashitse ku biro bijejwe kurwanya ibiturire, aho yasambishijwe ku bijanye n’itohoza ku mugumuko ufatiye kw’itegeko ryo mu gihe c’intambara yatangaje mu kwezi kurangiye. Mu nyuma yaho yajanywe mu kibanza co gupfungirwamwo hafi y’umurwa mukuru, Seoul.
Abategetsi ba Koreya y’epfo bafise muri iki gihe amasaha 48 kugira bafate ingingo yerekeye niba boshikiriza umutahe wo kumuhagarika icese canke niba bomurekura.
Ribaye irya mbere umukuru w’igihugu ari mu mabanga yiwe muri Koreya y’epfo atawe mu mvuto mu mateka y’igihugu. Mu kiringo c’indwi zine, Yoon Suk Yeol yari yiyugaraniye i muhira iwe, hari hakingiwe bikomeye cane.
Abapolisi bagera ku 1.000 ni bo bari batumweko kuri uyu wa gatatu mu gikorwa co kumufata bakamuta mu mvuto, nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru vyo muri Koreya y’epfo. Abategetsi b’ico gihugu bari bagabishije kandi ko bari biteguriye gukoresha uburyo burimwo inguvu zirengeye izo bari bakoreshje mu kigoro ka mbere bakoze ko guhagarika Yoon haraheze indwi zibiri. (VOANEWS)
Forum