Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubudagi, Boris Pistorius, kuri uyu wa kabiri, yagendeye igihugu ca Ukraine. Ni mu ntumbero yo gushigikira ico gihugu mu rugamba kirimwo rwo kwivuna ibitero vy'Uburusiya vyatanguye haraheze hafi imyaka itatu.
Urugendo rwa Pistorius rubaye mu kiringo kiri musi y’indwi imbere y’uko Prezida aherutse gutsinda amatora muri Amerika, Donald Trump arahira mu mabanga yo kuyobora Amerika. Ni mu gihe kandi hari ibibazo ku kugene imigambi ya Amerika ku vyerekeye Ukraine ishobora guhinduka ku ntwaro nshasha ya Trump.
Muri ico gihe abategetsi bo mu ntara zitandukanye zo mu Burusiya, kuri uyu wa kabiri, batangaje ko Ukraine yakoze ibitero bikomeye ikoresheje drone mu bice vyabo, harimwo intara ya Saratov, aho bulamatari waho, Roman Busargin, yatangaje ko ibintu vyononekaye mu bibanza bibibri birimwo amahinguriro mu bisagara biri hafi yaho vya Saratov na Engels.
Ako karere karimwo ikibanza c’indege z’ingwano zikomeye cane kandi zishika kure cane z’Uburusiya. Mu ndwi iheze, igitero ca Ukraine carasambuye ikibanza kibikwamwo ibitoro bikoreshwa n’izo ndege z’ingwano. (VOANEWS)
Forum