Uko wahagera

Intambwe Itanga Icizere mu Biganiro Hagati ya Isirayeri n'Umurwi Hamas


Jake Sullivan, umuhanuzi wa Prezida wa Amerika mu vyerekeye umutekano w’igihugu
Jake Sullivan, umuhanuzi wa Prezida wa Amerika mu vyerekeye umutekano w’igihugu

Abari mu biganiro bigenewe gufasha gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas, batangaje ko bagize intambwe zitanga icizere mu biganiro bariko baragira.

Abagereye abari muri ivyo biganiro, batangaje ko integuro y’amasezerano agenewe guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas ari mu minwe y’izo mpande zompi kugira abategetsi bazo bayihweze.

Integuro y’ayo masezerano ibonwa ko irimwo guhagarika intambara, kurekura abagizwe imbohe bakiri mu minwe y’umurwi Hamas, kurekura abanyororo b’Abanyapalestina bari mu mabohero muri Israyeri, hamwe no kwongereza imfashanyo igenewe abasivile b’Abanyapalestina mu ntara ya Gaza.

Jake Sullivan, umuhanuzi wa Prezida wa Amerika, Joe Biden, mu vyerekeye umutekano w’igihugu, yabwiye televiziyo CNN, yo muri Amerika, ku musi w’Imana urangiye, ko impande zompi ziri hafi cane yo gushika ku masezerano agenewe guhagarika ingwano imaze ikiringo kirenga amezi 15 mu ntara ya Gaza, hamwe no kurekura abagizwe imbohe n’umurwi Hamas basigaye 98.

Bbiiri vya gatatu muribo babonwa ko bakiri bazima. Jake Sullivan yatangaje ko biyemeje gukoresha imisi yose basigaje mu mabanga yabo kugira amasezeranso yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas ashikweko. Yatangaje ko batareze amaboko na gato.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, ku musi w’Imana urangiye, yaravuganye n’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ku biganiro biriko biraba.

Ibiganiro bimaze amezi atari make biyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Misiri na Katari ntivyashoboye guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. Yamara mu ndwi nkeyi zirangiye, intambwe ziboneka zarashitsweko mu gihe Amerika iriko yitegurira ihinduka ry’ubuyobozi bw’igihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG