Uko wahagera

Umutanzaniyakazi Yari Yanyurujwe muri Kenya Yarekuwe


Maria Sarungi Tsehai
Maria Sarungi Tsehai

Maria Sarungi Tsehai, umunyatanzaniyakazi aharanira agateka ka muntu, yari yanyurujwe ku musi w'Imana, n'abantu bitwaje ibirwanisho muri Kenya, yatangaje ko yarekuwe inyuma y'amasaha atari make ari mu minwe yabo.

Umuvugizi w’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, Ronald Ebole, yabwiye televiziyo BBC, ko Maria Sarungi Tsehai, yinjijwe ku nguvu mu modoka ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Tsehai yarasangiye amasanamu ya videwo n’abamukwirikirana ku rubuga X, umuliyoni n’ibihumbi amajana atatu, aboneka ko yahahamutse.

Maria Sarungi Tsehai ni umuntu anebagura bikomeye Prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan. Ni umuntu kandi aharanira bikomeye uburenganzira bwo kugira amatongo n’ubwo gushikiriza ivyiyumviro muri Tanzaniya.

Yagirije Reta yiwe ko yagarukanye intwaro y’agahotoro muri Tanzaniya. Faith Odhiambo, ayoboye ishirahamwe ry’abanyamategeko muri Kenya, mu butumwa ku rubuga X, yatangaje ko bashoboye kubohoza Tsehai. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko barungitse ubutumwa butomoye ko batazorekurira igihugu cabo kuba ikibanza abantu banyururizwamwo.

Haba abategetsi ba Kenya canke aba Tanzaniya ntaco barri bwavuge kw’inyuruzwa rya Maria Sarungi Tsehai.

Hari abafise amakenga ko Tanzaniya ishobora kuba iriko isubira ku ntwaro y’agahotoro nk’iyaranze nyakwigendera Prezida John Magufuli. Ivyo naho prezida ahari muri iki gihe, Samia Suluhu Hassan yakuyeho ingingo yaziririza abatavuga rumwe na reta kugira amakoraniro, kandi yari yemeye kurekurira abanyapolitike b’ivyiyumviro bitandukanye guhiganwa.

Forum

XS
SM
MD
LG