Uko wahagera

Prezida wa Irani Masoud Pezeshkian Azogirira Urugendo mu Burusiya


Prezida Masoud Pezeshkian wa Irani na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin
Prezida Masoud Pezeshkian wa Irani na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin

Reta y’Uburusiya n’iya Irani, ku musi wa gatanu w'ino ndwi, bizotera igikumu ku masezerano yo gufashanya bikomeye cane, mu rugendo Prezida wa Irani, Masoud Pezeshkian, azogirira mu Burusiya.

Ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Kremlin, bitangaza ko muri urwo rugendo abategetsi b’ibihugu vyompi bazoganira ku vyerekeye gufashanya kurushiriza, harimwo mu bisata vy’ubudandaji n’imitahe, gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibibazo biraje ishinga amakungu.

Mu vyateye impungenge abategetsi bo mu bihugu vyvo mu burengero bw’isi, Uburusiya na Irani vyarakomeje kurushiriza ugufashanya hagati yavyo mu vyerekeye igisirikare na politike. Ni mu gihe Uburusiya bubandanya ibitero vyabwo muri Ukraine kandi intambara ibandanya mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyarafatiye ibihano bikomeye Uburusiya na Irani, birimwo ivyerekeye ibisata vy’amasoko ntanganguvu bifitiye akamaro gahambaye cane ibihugu vyompi.

Urugendo rwa Prezida wa Irani, Masoud Pereshkian, mu Burusiya ruzoba rubaye imisi mikeyi imbere y’uko prezida aherutse gutsinda amatora muri Amerika, Donald Trump ashikiye ubutegetsi. Donald Trump ariko arondera guhagarika bidatevye intambara zo muri Ukraine no mu buseruko bwo hagati bw’Isi. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG