Kizza Besigye, umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda, yegetsweko ikindi caha gishobora gutuma aronka igihano co gupfa, mu gihe ico caha comwagira.
Abashikirizamanza b’igisirikare ca Uganda, kuri uyu wa mbere, bongeye icaha c’ubuhemu ku vyaha Kizza Besisgye yari asanzwe yagirizwa vyo kurenga ku mategeko y’igisirikare, bavuga ko yakoze.
Ico caha gishobora kumuviramwo igihano co gupfa. Mu rubanza muri sentare, kuri uyu wa mbere, umushikirizamanza w’umusirikare yasomeye Besigye n’abo bagirizwa hamwe, icaha gishasha co guhemukira abari bamushizemwo icizeze.
Icaha Kizza Besisgye yagirizwa kivuga ko we n’abo bagirizwa hamwe bari bafise amakuru yerekeye umugambi wo kugeramira umutekano w’igihugu.
Abunganira Besigye, bateye ivyatsi icaha gishasha yagirizwa, mu kuvuga ko kirenga ku bitegerezwa gukwirikizwa ku bijanye n’urubanza rwiwe. Biyamirije kandi ipfungwa ry’umuyamategeko akomeye aharanira agateka ka muntu, Eron Kiiza, ari mu baburanira Besigye.
Kizza Besigye, umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na Prezida, Yoweri Museveni, yatawe mu mvuto muri Kenya, mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2024.
Yaratahukanywe mu gihugu ciwe, yagirizwa muri sentare ya gisirikare ko yari afise ibirwanisho bicira umuriro mu buryo budaciye mu mategeko, kandi ko ageramiye umutekano w’igihugu. Ivyo naho Besigye ari umusivile. Yagumijwe mu munyororo ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala kuva ico gihe.
Forum