Uko wahagera

Prezida Biden Azokomeza Guha Inkunga Leta ya Californiya Kubera Imiriro


Imiriro yashenye ibintu vyinshi muri Californiya
Imiriro yashenye ibintu vyinshi muri Californiya

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yarateye ivyatsi ibinebaguro vya Donald Trump ku byerekeye inkunga ku vyangijwe n'imiriro muri Leta ya Californiya. Yaremeye imfashanyo y'igihugu igenewe gufasha mu rugamba rwo kurwanya imiriro iriko irabica bigacika muri Reta ya Californiya.
Prezida aherutse gustinda amatora, Donald Trump, yitwaje iyo miriro kugira anebagure Prezida Joe Biden hamwe na Bulamatari w’iyo reta, Gavin Newsom, abicishije ku mbunga ngurukanabumenyi. Mu butumwa ku rubuga rwiwe, Truth Social, Trump mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, yatangaje ko kimwe mu bice biteye igomwe cane vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko biratokombera. Yagirije bulamatari wa Reta ya Califoniya ko afise uruhara mu biriko biraba, akaba yamusavye gutanga imihoho.
Yamara bulamatari wa Reta ya Californiya, Gavin Newsom, yarateye ivyatsi yivuye inyuma ivyatangajwe na Trump mu kiganiro yahaye televiziyo yo muri Amerika, CNN. Newsom yatangaje ko mu gihe abantu bariko barahunga, Trump ariko arondera gushira politike mu kaga abanbyagihugu ba reta yiwe barimwo. Trump, kuri uyu wa kane, yagirije kandi Prezida Biden ko ariko akoresha amafaranga ya reta mu migambi avuga ko itagira aho ifatiye ijanye n’ihindagurika ry’ibihe, aho ugushira ayo mafaranga mu rwego rw’igihugu rujejwe guhangana n’ibiza mu buryo bwihutirwa.
Prezida Biden yarahakanye akatari gake ko atariko akura amafaranga mu rwego rw’igihugu rujejwe guhaganga n’ibiza mu buryo bwihutirwa, harimwo n’ibinebaguro nk’ivyo vya Trump mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye inyuma y’uko ibihuhusi bibiciye bigacika mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika. Hari ukwezi kumwe imbere y’uko amatora ya prezida aba mu mwaka urangiye w’i 2024.
Prezida Joe Biden yatangaje ko imiriro igiteje isibe mu bice vy'igisagara ca Los Angeles, muri Reta ya Californiya, vyerekana ko ihindagurika ry’ibihe atari agasesehwarumuri. Yabitangaje imisi mikeyi imbere y’uko Donald Trump ashikira icese amabanga yo kuyobora Amerika. Trump yaragabishije guhagarika utwigoro two kurwanya ingaruka z’ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi.
Prezida Joen Biden yabwiye abari mu nama mu biro vyiwe, Maison Blanche, ko ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo kigaragara, co kimwe n’ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi. Biden yatangaje ko imiriro muri Reta ya Californiya ari yo miriro ikwiragiye mu bice vyinshi ica rimwe kandi ibiciye bigacika bikomeye mu buryo bitari bwibonenekeze mu mateka y’iyo reta. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG