Muri Benin, abarwanyi bishe abasirikare ba reta batari bake mu gitero bakoze muri iyi ndwi ku kirindiro gikomeye c'igisirikare mu buraruko bw'igihugu.
Koloneli Faizou Gomina, ayoboye inteko zijejwe gukingira imbibe z’igihugu, yatangaje ko ico gitero cabaye ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Ntiyavuze abakoze ico gitero, ntiyatanze igitigiri c’abahasize ubuzima canke abakomeretse. Yasiguye gusa ko batakaje abantu benshi ko yamara batazocika inkokora.
Mu gihe ata murwi numwe wemeje ko ari wo wakoze igitero co ku musi wa gatatu, igihugu ca Benin kimaze imyaka itari mike gihanganye n’ubwicanyi n’uruhagarara vyatandukiye igice co mu buraruko bw’igihugu biturutse mu bihugu vya Burkina Faso na Nijeri.
Ibi bihugu bibiri bimaze igihe bitana mu mitwe n’imirwi y’intagondwa z’abayislamu. Akarere aho ivyo bihugu bitatu bihana urubibe, karimo amashamba ya parike y'igihugu, karageramiwe n’ubwicanyi n’uruhagarara vy’imirwi y’intagondwa z’abayislamu. (AP)
Forum