Uko wahagera

Kongo Yahagaritse Tereviziyo Al Jazeera Kubera Kuvugisha Umuyobozi wa M23


Republika ya demokrasi ya Kongo, kuri uyu wa kane, yahagaritse televiziyo mpuzamahanga Al Jazeera, kubera yahaye ikiganiro umuyobozi w'umurwi M23. Ikaba iriko igabisha abamenyeshamakuru.

Uretse iyo ngingo, umushikiranganji ajejwe ubutungane Constant Mutamba yagabishije abamenyeshamakuru n’abandi batanga amakuru ku murwi urwanya ubutegetsi wa M23 ko bashobora guhabwa igihano co gupfa.

Ivyo naho ata mategeko aziririza icese abamenyeshamakuru gutanga amakuru ku mirwi irwanya ubutegetsi. Ntaco televiziyo Al-Jazeera ikorera mu gisagara ca Doha muri Qatar iravuga kuri iyo ngingo ya Reta ya Kongo.

Hisunzwe ivyatangajwe n’umuvugizi wa Reta ya Kongo, Patrick Muyaya, abategetsi b’ico gihugu batse uburenganzira bwa Al-Jazeera bwo gutangaza amakuru muri Kongo, mu kuvuga ko iyo televiziyo yavugishije umukuru w’ico bise umurwi w’iterabwoba batabifitiye uburenganzira.

Televiziyo Al-Jazeera, ku musi wa gatatu, yarashikirije ikiganiro yagiranye na Bertrand Bisimwa ayoboye umurwi M23 mu buseruko bwa Kongo. Muri ico kiganiro, Bisimwa yagirije Reta y’i Kinshasa ko itubahirije amasezerano yo guhagarika ingwano. Yatangaje kandi ko umurwi M23 uri mu rugamba rwo kwirwanako kugira babeho.

Umuvugizi wa Reta ya Kongo, Patrick Muyaya, yatangaje ko ikiganiro televiziyo Al-Jazeera yagiranye na Bertrand Bisimwa ari ugushigikira iterabwoba, ko kubera izo mvo atawovyihanganira. Yasavye abamenyeshamakuru kudaha ijambo abo yise abakora iterabwoba.

Mu masaha y’imbere yaho, umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Kongo, Constant Mutamba, yatangaje, mu butumwa ku rubuga X, ko uwariwe wese azotanga amakuru ku bikorwa vy’igisirikare c’u Rwanda n’umurwi M23 ukorana naco azofatirwa ingingo ruhasha hisunzwe amategeko (igihano co gupfa).

Yamara umuvugizi wa reta, Patrick Muyaya, yatangaje ko atawotwariza hejuru ku vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe ubutungane. Yavuze ko ivyo yatangaje bigenewe uwariwe wese ashobora gukoreshwa kugira ashikirize ubutumwa bw’umwansi.
Herve Diakiese, avugira abatavuga rumwe na reta, yariyamirije ingingo Reta ya Kongo yo guhagarika amakuru ya televiziyo, Al-Jazeera.

Mu butumwa yashize ku rubuga, X, Diakiese yavuze ko ubwigenge bwo gutangaza amakuru ari ububasha bwo kutavuga gusa ibintu vyiza, ko ari n’ububasha bwo kuvuga ibintu bishobora kuba bitanezereje. Yavuze ko ari uburengenzira bwo kubigenza gutyo naho bishobora kugira inkurikizi mbi.

Diakiese yatangaje ko gukunda igihugu atari ukugirira propaganda, reta.
Urwego rugenzura itangazamakuru muri Kongo, ku musi wa kabiri, rwaragabishije ibinyamakuru bitatu vyo mu Bufransa, navyo akaba ari, Radio France Internationale, France24 na TV5 Monde, ivyagiriza ko bivuga amakuru ku ntambwe abarwanya reta bo mu murwi M23 bariko bagira mu buseruko bw’igihugu.

Jacques Issongo, aharanira inyungu z’abanyagihugu, yaranebaguye ingingo yo guhagarika televiziyo, Al-Jazeera muri Kongo. Yatangaje ko ari amakosa. Yamenyesheje ko abantu badashobora kuba mu gihugu aho badashobora kwuma impande zose. Yavuze ko ari ngombwa ko abantu baronka amakuru yuzuye.

Umurwi M23 ni wo murwi ukomeye cane mu mirwi yitwaje ibirwanisho irenga ijana ikorera mu buseruko bwa Kongo hafi y’urubibe n’u Rwanda. Abantu barenga umuliyoni muri ako karere baravanywe mu vyabo n’ingwano mu mwaka urangiye. Kongo yagiriza u Rwanda gufasha umurwi wa M23, ivyo u Rwanda ruhakana.

Mu kwezi guheze U Rwanda na Kongo vyarasibishije ibiganiro vyari bigenewe guhagarika intambara mu buseruko bwa Kongo. Muri ico gihe, Reta ya Kongo yarahinduye umuyobozi mukuru w’igisirikare n’abandi bategetsi bakomeye b’igisirikare mu gihe ingwano ibandanya mu buseruko bw’igihugu. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG