Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine, kuri uyu wa gatanu, camenyesheje ko casambuye drone 33, mu gihe izindi 34 zitashoboye gushika mu bibanza zari zirungitswemwo.
Amasanamu ya videwo, yafashwe n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, yumvikanishije urwamo rwa drone iturika, mu nyuma yaho yerekana umuriro uriko uraka ku murwa mukuru Kiev.
Ibitero vya drone zishika kure z’Uburusiya kuri Ukraine ni ibintu biba hafi imisi yose mu kiringo c’amezi atari make. Ni mu gihe Uburusiya buriko burondera kunaniza uburyo bwo bwiwkuva abansi bwa Ukraine.
Muri ico gihe, igisirikare ca Ukraine, kuri uyu wa gatanu, casambuye ikibanza gikorerwamwo imirimo y’ubudandaji mu gisagara ca Donetsk, cigaruriwe n’Uburusiya, kiri mu buseruko bw’igihugu.
Ni mu gitero cakoresheje misile Ukraine yahawe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abantu babiri bakomeretse muri ico gitero, nk’uko vyatangajwe n’umutegetsi wo mu gisagara ca Donetsk, ashigikiwe n’Uburusiya.
Forum