Prezida wa Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, kuri uyu wa kane, yatangaje ko yipfuza kwitoza mu kiringo kigira kane.
Prezida wa Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara, kuri uyu wa kane, yatangaje ko yokwipfuza kubandanya akorera igihugu ciwe mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Yamara yatangaje ko umugambwe wiwe utarafata icese ingingo ku mukandida azowuserukira mu matora yo muri uyu mwaka.
Ouattara, afise imyaka 83, yatowe mu kiringo kigira gatatu mu matora yabayemwo amatati mu mwaka w’i 2020. Yari yatangaje imbere yaho ko yipfuza kuhava arangije manda yiwe igira gatatu. Yamara yavuze ko yokenera ko abanyapoilitike ba kera bahiganywe, biyemeza ku vyerekeye kuva muri politike nabo nyene.
Prezida Alassane Ouattara, yatangaje ko amagara yiwe ameze neza, kandi yumva afise ishaka ryo kubandanya akorera igihugu ciwe. Hari mw’ijambo yashikirije abaserukira ibihugu vyabo ku murwa mukuru wa Cote d’Ivoire, Abidjan. Ni ikimenyetso ikomeye cane ko afise imigambi yo gusubira kwitoza.
Mu kwezi kw’icenda mu mwaka urangiye w’i 2024, umugambwe uri ku butegetsi, warerekanye ko ushigikiye ugusubira kwitoza kwiwe mu matora ategekanijwe kuba mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka. Yamara kugena icese umukandida no kumwemera ntibiraba. (REUTERS)
Forum