Uko wahagera

Trump Yipfuza ko Ibihugu Bigize OTAN Vyokwongereza Amafaranga yo Kwivuna Umwansi


Prezida watowe Donald Trump n'umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte
Prezida watowe Donald Trump n'umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte

Prezida aherutse gutsinda amatora muri Amerika, Donald Trump, yipfuza ko ibihugu biri mw'ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, OTAN vyokwongereza amafaranga bikoresha mu gisata co kwivuna umwansi ku rugero rw’ibice 5 kw’ijana vy’ubutunzi bwavyo.

Ivyo Donald Trump yongeye kubitangaza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhana wiwe wa Mar-a-Lago, muri Reta ya Florida. Trump yari yagabishije igihe yiyamamaza ko atazokingira ibihugu vy’ishirahamwe OTAN Uburusiya n’iyo bitongereza bihagije amafaranga bikoresha mu gisata co kwivuna umwansi.

Donald Trump yasiguye ko n’iyo ibihugu bigize ishsirahamwe OTAN vyariha amafaranga bitegerezwa gutanga, kandi ni yo yabona ko bifata neza igihugu ciwe, ko ata nkeka ko azogumana n’ishirahamwe OTAN.

Haheze imyaka 10, ibihugu bigize ishirahamwe OTAN, vyiyemeje gukoresha n’imiburiburi ibice bibiri kw’ijana vy’ubutunzi bwavyo mu gisata co kwivuna umwansi.

Umuyobozi w’ishirahamwe OTAN, Mark Rutte, yaragabishije ubwiwe mu kwezi guheze ko ibihugu vyo ku mugabane w’Ubulaya bitegerezwa gukoresha amafaranga arengeye cane ayo bikoresha muri iki gihe mu gisata co kwivuna umwansi.

Forum

XS
SM
MD
LG