Uko wahagera

Abantu Hafi 100 Bahitanywe n'Ikinyamugigima mu Ntara ya Tibet


Abantu 95 bemejwe ko bapfuye, mu gihe abandi 130 bakomeretse ku ruhande rwa Tibet
Abantu 95 bemejwe ko bapfuye, mu gihe abandi 130 bakomeretse ku ruhande rwa Tibet

Ikinyamugigima gikomeye cane, kuri uyu wa kabiri, cahitanye abantu bagera kw'ijana hafi ya kimwe mu bisagara bihezagiye mu ntara ya Tibet.

Ico kinyamugigima c’inguvu zo ku rugero rwa 6.8 casambuye kandi inzu amajana n’amajana mu mitumba iri hasi y’imisozi ihanamye cane ya Himalaya.

Iyo nkuru yatangajwe kuri uyu wa kabiri n’abategetsi b’Ubushinwa. Aho ico kinyamugigima cashimikiye ni hafi y’ibilometero 80 mu buraruko bw’umusozi uhanamye cane wa Everest. Ni wo musozi muremure cane kurusha iyindi kw’isi.

Ico kinyamugigima canyigangije inyubakwa mu bihugu biri hafi yaho vya Nepal, Buthan n’Ubuhindi.

Abantu 95 bemejwe ko bapfuye, mu gihe abandi 130 bakomeretse ku ruhande rwa Tibet nk’uko vyatangajwe na televiziyo ya reta y’Ubushinwa.

Nta makuru yerekeye abapfuye mu bindi bice yatangajwe. Ingaruka zikomoeye cane z’ico kinyamugigima zibonekeje cane mu ntara ya Shigatse yo muri Tibet, ibamwo abantu 800,000.

Inzu zitari nke muri iyo ntara zacitse ubunywenywe, nk’uko vyerekanywe n’amasanamu ya videwo yashikirijwe n’abajejwe gutabara no kurwanya imiriro mu ntara ya Tibet.

Umuyobozi mukuru w’idini rya Buddha, muri Tibet, Dalai Lama, yahunze iyo ntara mu mwaka w’i 1959 inyuma y’uko yigaruriwe n’Ubushinwa, yatangaje ko ababajwe bikomeye n’abahitanywe n’ikinyamugigima co kuri uyu wa kabiri, abakomeretse n’ivyononekaye.

Yifatanije mu bisabisho n’abatakaje ubuzima bwabo, akaba yipfurije abakomeretse bose gutora mitendere mu buryo bwihuta.

Forum

XS
SM
MD
LG