Uko wahagera

Umuhungu wa Museveni Avuga ko Ashaka Guca Umutwe Bobi Wine Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi bwa Se


Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa prezida wa Uganda
Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa prezida wa Uganda

Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa prezida wa Uganda akaba n’umukuru w’ingabo z’ico gihugu avuga ko ashaka guca umutwe wa Bobi Wine, aza imbere mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Yowei Museveni, atwara Uganda kuva mu 1986.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa X, Jenerali Muhoozi Kainerugaba yanditse ko se wiwe yise umutama yubashwe cane, ari we wenyene akingiye Bobi Wine kugira ntamuce umutwe.

Amajambo yanditse ku wa Mungu akoresheje ururimi rw’icongereza, rimwe na rimwe aza aracishamwo yandika no mu kiganda, yise Bobi Wine Kabobi agira ati: “Kabobi arazi neza ko umuntu umwe rudende amukingiye ari Papa wanje. Iyoba Mzee atahari, uno munsi nari kumuca umutwe.”

Robert Kyagulanyi, azwi kw’izina rya Bobi Wine akaba yaje ubwa kabiri inyuma ya Museveni mu matora yo mu 2021, yaciye yandika ko ubutumwa bwa Muhoozi “bw’iterabwoba” atabufashe minenerwe.

Yagize ati: “Ubutumwa bw’umuhungu wa Museveni, atwara igisirikare ca Uganda bwo kunca umutwe si ubwo kwanjanjwako, kuko hari benshi we na se bamaze kwica, kandi na jewe akatari gake baramaze guhakwa kunyica. Ndateye ivyatsi iterabwoba ry’ubutegetsi burangwa n’ubuhemu. Amakungu arabona ibiriko biraba.”

Kainerugaba yaciye amwishura ati: "Ni ko? Ndakuvanye mw’itiro? Imbere ko ndaguca umutwe, banza utwishure amahera twaguhaye.”

Amafaranga Jenerali Kainerugaba avuga yaciye asigura ko ari ayo ubutegetsi bwa Uganda bwoba bwaramuhaye kugira bukumire Kizza Besigye yise uwari akomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa se.

Yanditse ati: “Cari iciyumviro canje n’abandi ba jenerari. Twabwiye Papa ko dushobora gukoresha Kabobi mu gutuma Besigye areka kuba uwukomeye mu batavuga rumwe na reta. Tumaze kumuha ibifaranga vyinshi, kandi ico twamusavye akagikora, yaciye atwihinduka atangura kutugirira nabi.

Muhoozi Kainerugaba yabandanije abwira amajambo menshi mabi Bobi Wine, agwiriyemwo ayo kumutera ubwoba aho yavuga ko akongera kuvuga izina ryiwe canke izina ry’umwe mu bari mu muryango wiwe, aza kumubangamira, akamuhongora amenyo atitaye ku wumukingiye.

Ibimenyeshamakuru bitandukanye vyanditse kuri ino nkuru birimwo itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, vyarondeye umuvugizi wa reta ya Uganda n’uwuvugira igisirikare c’ico gihugu, ariko ntaco bashimiye kuvuga.

Gusa, muri kahise umuvugizi wa reta wa Uganda yari yatangaje ko ubutumwa Kainerugaba acisha ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe bukwiye gufatwa nk’ubwo gutebura, yandika yikinira, kandi butega reta.

si rimwe canke kabiri yandika amajambo aremereye ku rubuga rwiwe rwa X. Mu ya vuba yanditse agashavuza impande zitandukanye zirimwo amareta y’ibihugu, arimwo aho yanditse avuga ko ashigikiye abarwanyi ba M23 barwanya ubutegetsi bwa Kongo, yabise “abavukanyi”. Hari n'ayandi yanditse avuga ko Perezida yatowe muri Amerika, Donald Trump, niyamara kurahira igisirikare atwara kizoca gifata ubutegetsi muri Sudani.

Mu 2022, naho yanditse avuga ko Uganda izotera Kenya. Abanyagihugu benshi ba Kenya barashavujwe n’aya majambo, ari nako kuhava abisabira imbabazi.

Umukuru w’ingabo za Uganda, Jenerali muhoozi Kainerugaba akaba n’umuhungu wa Yoweri Museveni, abonwa nk’uwuzohava asimbura se ku butegetsi bwa Uganda amazeko imyaka 39.

Forum

XS
SM
MD
LG