Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubushinwa, Wang Yi, kuva ejo ku wa Mungu yaratanguye urugendo rwiwe rw'umwaka mushasha ku mugabane wa Afrika.
Wang Yi yabandanije umugenzo umaze imyaka 35, mu ntumbero yo gukomeza inguvu n’igihagararo vy’igihugu ciwe ku mugabane wa Afrika ufise amatungo kama akomeye cane.
Ni mu gihe inguvu n’igihagararo vy’umugabane w’Ubulaya na Amerika biriko bitera bigabanuka bikomeye kuri uwo mugabane. Bitegekanijwe ko Wang Yi agendera ibihugu vya Nambiya, Congo-Brazzaville, Cadi na Nijeriya.
Urugendo muri ivyo bihugu ruzorangira ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi rubaye mu gihe Ubushinwa buriko bwongereza imfashanyo y’amafaranga buha ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika, kandi buriko burondera amasoko y’ibidandazwa vyabwo bushorera hanze.
Guo Jiakun, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, yatangaje ko igihugu ciwe cemera civuye inyuma ko umugabane wa Afrika utigeze wibagirwa, ko ufise ibintu vyinshi bishobora gutuma ushikira iterambere.
Yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Mu gihe, urugendo rwa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden muri Angola mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2024, ari rwo rwonyene yakoze muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara ari mu mabanga yiwe ya Prezida, Ubushinwa bwashize Afrika imbere ya vyose ku bijanye n’imigenderanire yabwo n’amakungu. (VOANEWS)
Forum