Ibitero vy’indege Isirayeri yagavye mu bisagara bibiri vyo mu ntara ya Gaza vyahitanye abanyepalestina 9.
Batanu muri aba 9, ibitero vyabasanze mw’ikambi iri ahitwa Nuseirat, hagati na hagati muri Gaza, abandi bane nabo bibasanga mu gisagara citwa Jabalia.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza bwatanze ibi bitigiri buvuga ko mu masaha 24 gusa, muri rusangi abaguye mu bitero vya Isirayeri ari 97, mu gihe abo vyakomerekeje barenga 200.
Biri uku mu gihe abahuza barimwo Amerika n’ibihugu vy’Abarabu bariko bakora iyo bwabaye ngo haboneka amasezerano ahagarika intambara burundu.
Isirayeri ntaco iravuga ku bitero yagirizwa kugaba mu bibanza birimwo ikambi. Gusa, yavuze ko yagavye ibitero ku birindiro birenga 100 vy’abarwanyi ba Hamas, ikica abatari bake muri bo ( REUTERS)
Forum