Umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, kuri uno wa gatanu yashimangiye ko nta muntu wenyine wobazwa ubutunzi bw'igihugu. Ibyo yabisiguriye mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru ku kibuga c'umupira w'amaguru citiriwe Nkurunziza co mu ntara ya Makamba.
Muri ico kiganiro, hari aho yagize ati, "iyo tuza kuba turi amavuta n'amazi, kimwe caba kiri munsi ikindi kiri hejuru". Aho yishuraga ku kibazo co kumenya niba ihungabana ry'ubutunzi bw'igihugu, coba gifitaniye isano n'ipfungwa ry'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni.
Mu kibazo umumenyeshamakuru yagize ati: "...Hamwe vyogaragara yuko atezuriwe vyogira akantu vyungura mu kunagura ubutunzi,... bikanagaragara ko yokwemera guca bugufi, akubaha inzego zimukurira, mbega umugambwe wosaba yuko atezurirwa agahabwa ikigongwe?"
Reverien Ndikuriyo nawe ati: "None Alain Guillaume Bunyoni si umuntu? Yari afise iki cohungabanya ubutunzi? None apfuye naho! Uvuze ko ari we biturunako, apfuye umuhero woca ushika kw'isi?"
Uyu arongoye CNDD-FDD yarongeye nanone ati: "Reka ndabibabwire n'abandi bavyumvireho. Aja gufungwa twari tubizi. Urya ni umusoda mugabo impande haba hari abagumyabanga bandi. Ikosa rya mbere yakoze mu mugambwe ni ukugomba kuvugira abo twahanye. Abantu bo muhira iwiwe twarabahanye kubera batakurikije intumbero y'umugambwe, aca agomba kubavugira. Mbere baca barunguruza n'urubanza barushikana mu buserukizi bukuru"
Ndikuriyo yasiguye kandi ko yaganiriye na Bunyoni amumenyesha ko abo bari bahanywe bahawe igihano c'umwaka umwe ariko ko vyizwe neza, bikabagira, baca babacira imyaka itanu. Ati: "Yaciye afata b abantu twahanye abajana kwa Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu ngo abagire abakuru b'indani mu kirimba. Naciye mbwira abagumyabanga bo mu gisagara ati iyo tuja, amavuta n'amazi kimwe kizoja munsi ikindi hejuru".
Kumutezurira si vyo vyogira ico bifasha ubutunzi bw'igihugu kuko amaboko abiri ya Bunyoni ntiyoruta ay'abarundi arenga imiriyoni 30. Ntamuntu umwe canke babiri boruta Abarundi.
Mu bindi bibazo Ndikuriyo yishuye, harimo ic'ivyagiriji vy'u Rwanda biciye ku mushikiranganji w'imigenderanire yavuze ko abasirikare b'Uburundi bari muri Kongo gufasha imigwi yakoze ihonyabwoko mu Rwanda. Révérien Ndikuriyo yavuze ko Uburundi na Kongo ari ibihugu bifise imigenderanire myiza no gufashanya harimwo n'ivya gisirikare. Ati, sinumva uko u Rwanda rubijamwo. Yabandanije avuga ko iyo migwi u Rwanda ruvuga imaze imyaka mirongo itatu ruja kuyigwanirizayo, yibaza ikibuze ngo ruyimare. Yasiguye ko ari urwitwazo no kwiriza, ati "Twe turaba umutekano w'Uburundi. Nibareke kuza baririza".
Révérien Ndikuriyo yasiguriye kandi abamenyeshamakuru ko akazi k'abasirikare b'Abarundi muri Kongo ari ako guhiga imigwi irwanya Uburundi bakongera bagafasha n'ico gihugu kurwanya imigwi igitera mu buseruko bwaco.
Forum