Uko wahagera

Abantu Bababa 30 Bahitanywe n'Ubwato bw'Abimukira Bwibiriye mw'Ibahari ya Mediterane


Abantu batari musi ya 27 bapfuye, abandi batari bake baratabarwa igihe ubwato bubiri bwari butwaye abimukira bwibira mu mazi y'ibahari Mediterane yegereye igihugu ca Tunziya.

Abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi y’ibahari Mediterane bavuga ko abantu 87 bashoboye gutabarwa. Basiguye ko ubwo bwato bubiri bwibiye mu mazi ari hafi y’igisagara ca Sfax, ikibanza abimukira b’Abanyafrika bakoresha kenshi kugira bajabuke ibahari berekeza umugabane w’Ubulaya.

Mu kwezi guheze, abajejwe kugenzura amazi y’ibahari Mediterane yegukira Tuniziya baratoye ibiziga vy’abandi bimukira b’Abanyafrika bagera kuri 30, inyuma y’uko ubwato barimwo bwibiye mu gihe bariko bagerageza kuja ku mugabane w’Ubulaya.

Tuniziya ihanganye n’ikibazo gikomeye cane kitari bwibonekeze imbere yahi c’abimukira. Yasubiriye igihugu ca Libiya nk’ikibanza gikomeye abimukira baturutse mu bice bitandukanye vyo muri Afrika bakoresha kugira baje kurondera ubuzima bwiza kurushiriza ku mugabane w’Ubulaya. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG