Uko wahagera

Umuntu Umwe Yahitanywe n'Imodoka Yahiriye Imbere y'Ihoteri ya Donald Trump iri muri Las Vegas


Imodoka yahiye
Imodoka yahiye

Umuntu umwe yaraye ahitanywe n’umucanwa wadutse mu modoka yo mu bwoko bwa Tesla Cybertruck yahiriye imbere y’ihoteri ya Donald Trump aheruka gutorwa nka prezida wa Amerika iri mu gisagara ca Las Vegas. Abagera ku ndwi ni bo bakomerekejwe n’uwo mucanwa.

Uwahitanywe n’uwo mucanwa, ni we yariko atwara uwo muduga, abategetsi ba Las Vegas bavuze ko warimwo ibisasu abantu baturitsa iyo baryohewe ( Feux d’Artifice). Abo bategetsi bavuze ko abakomeretse batakomeretse cane.

Umwe mu bajejwe umutekano atashimye ko amazina yiwe atangazwa yavuze ko uwariko aratwara uwo muduga yari yawukotesheje biciye kuri application yitwa Turo.

Prezida wa reta zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yavuze ko mu matohoza ariko arakorwa, harimwo ukumenya niba ivyabaye hari isano bifitaniye n’uwishe abantu barenga 10 mu gisagara ca New Orleans kiri muri reta ya Louisina igihe bari mu birori vyo guhimbaza umwaka mushasha.

Forum

XS
SM
MD
LG