Muri Reta zunze ubumwe za Amerika batanguye gutegura ibirori vyo ku rwego rw'igihugu vyo guherekeza Jimmy Carter wabaye Prezida wa 39.
Ivyo birori bizoba kw’itariki 9 y’ukwezi kwa mbere kw’umwaka buca utangura w’i 2025 inyuma y’uko yitavye Imana afise imyaka 100.
Prezida wa Amerika, Joe Biden, yategekanije ko ivyo birori biba umusi umwe n’umusi w’icunamo ku rwego rw’igihugu. Biden yatangaje kandi ko amabendera y’igihugu azoduzwa gushika hagati ku nyubakwa zose za reta, mu kiringo c’imisi 30, mu ntumbero yo gutera iteka Jimmy Carter.
Ibiro vya Prezida wa Amerika, Maison Blanche, vyarasohoye itangazo ku musi w’Imana rya Prezida Joe Biden n’umutambukanyi wiwe, Jill Biden. Iryo tangazo ryavuze ko mu kiringo c’imyaka irenga 60, ryari iteka kuri bo kwita Carter umugenzi akomeye. Yamara ko ikintu kitari gisanzwe kuri Carter kwari uko abantu imiliyoni n’imiliyoni muri Amerika no kw’isi, batigeze bahura na we, bamubona nk’umugenzi akomeye.
Prezida aherutse gutsinda amatora muri Amerika, Donald Trump, mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe, Truth Social, yatangaje ko ingorane Prezida Carter yaciyemwo ari prezida, zabaye mu gihe gihambaye cane mu mateka y’igihugu. Yavuze ko Carter yakoze ibishoboka vyose kugira atume ubuzima bw’Abanyamerika imiliyoni n’imiliyoni bwisununura. Donald Trump yavuze ko kubera izo mvo Abanyamerika bose bamufitiye icubahiro gikomeye, kandi bamushimira vyinshi.
Kimwe mu biganiro vya nyuma yahaye ibinyamakuru, Jimmy Carter yarasangiye n’Ijwi rya Amerika icizere ciwe kuri kazoza k’ikigo ciwe, Carter Canter. Yavuze ko yipfuza kubona muri kazoza Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikora ibishoboka vyose kugira ibere akarorero amakungu mu bijanye n’amahoro, agateka ka muntu n’ibidukikije, hamwe no gufata abantu bose co kimwe. Yasiguye ko bashoboye kubigenza gutyo, Amerika, igihugu akunda cane, kizoba cerekanye inguvu zaco zirengeye iz’ibindi bihugu vyo kw’isi.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres yarahayagije Carter mu kuvuga ko yari umuntu yakoze atiziganya ku neza y’amahoro n’agateka ka zina muntu mu makungu. Antonio Guterres yavuze ko Carter azokwibukwa nk’umuntu yifatanya na ba ntahonikora, yaranzwe no gukora ineza kandi yagendera ubuntu. Yatangaje ko iragi ryiwe nk’umuntu yashira imbere amahoro n’agateka ka muntu no gukunda abanyagihugu rizobandanya ryibukwa.
Forum