Uko wahagera

Trump Ashigikiye ko Mike Johnson Abandanya Ayobora Inama Nshingamateka


Mike Johnson, Umurepubulikani atwara inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika
Mike Johnson, Umurepubulikani atwara inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika

Donald Trump yatsinze matora muri Reta zunze ubumwe za Amerika, arashigikiye yivuye mu nyuma umukuru w'inama nshingamateka, Mike Johnson. Uyu ariko yitegurira kurwanira kugumana ikibanza ciwe co kuyobora abo mu mugambwe w'Abarepublikani mu nama nshingamateka.

Mu butumwa ku rubuga riwe, Truth Social, Trump yatangaje ko umukuru w’inama nshingamateka, Mike Johnson, ari umuntu yitaho neza imirimo ajejwe, w’intungane kandi yemera Imana. Yasiguye ko Johnson, aturuka muri Reta ya Lousiana, azokora ibintu vyiza, kandi ko bazobandanya batsinda.

Amabanga ya Johnson yo kubadanya ayobora abashingamateka bo mu mugambwe w’Abarepublika mu nama nshingamateka yasa n’ayageramiwe inyuma y’urugamba rwo gutora itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha.

Urwo rugamba rwatumye Reta ihakwa kwugara imirimo imwe imwe yayo imbere ya Noeli. Naho iryo tegeko ryumvikanyweko, ukutumvikana kwabaye vyerekanye ko ata bubasha bwinshi afise mu mugambwe, kandi vyerekanye ko hari abatamushigikiye muri uwo mugambwe.

Ntaco Donald Trump, yari bwavuge ku vyerekeye umuyobozi w’inama nshingamateka, Mike Johnson, imbere y’itora ryerekeye ubuyobozi bw’inama nshingamateka rizoba kw’italiki 3 y’ukwezi kwa mbere kw’umwaka buca utangura w’i 2025.

Ni mu gihe bamwe mu bashingamateka bo mu mugambwe w’Abarepublika batangaje ko batazoshigikira Johnson mu mabanga yo kubandanya ayobora inama nshingamateka.

Forum

XS
SM
MD
LG