Uko wahagera

OMS Yasavye Israyeri Guhagarika Ibitero Ikora ku Bitaro mu Ntara ya Gaza


Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS
Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS

Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, kuri uyu wa mbere yasavye ko ibitero Israyeri ikora ku bitaro mu ntara ya Gaza bihagarara.

Yatangaje ko igisata c’ubuvuzi mu ntara ya Gaza kigeramiwe bikomeye. Yavuze ko abanyagihugu mu ntara ya Gaza bakeneye gushobora kwivuza n'imfashanyo mu vyerekeye ubuzi, ko kubera izo mvo hakwiye kuba ahagengwe.

Tedros yongeye asaba ko Hussam Abu Safiya, umuyobozi w’ibitaro, Kamal Adwan, biri mu buraruko bw’intara ya Gaza arekurwa bidatevye. Yapfunzwe n’inteko za Israyeri hamwe n’abandi Banyapalestina 200 mu ndwi irangiye.

Ico gihe, igisirikare ca Israyeri catangaje ko ibitaro, Kamal Adwan, vyakoreshwa n’abarwanyi b’umurwi Hamas, kandi ko Safiya yariko asambishwa nk’uwikekwa ko ari umunywanyi w’umurwi Hamas.

Ibitaro, Kamal Adwan, biri mu karere kitwa Beit Lahiya, ni bimwe mu bitaro vyari bigikora mu ntara ya Gaza.

OMS ivuga ko ibitaro, Kamal Adwan vyahagaritse gukora, inyuma yuko bitewe. Yatangaje ko vyatumye abarwayi n’abakikoramwo bahavanwa.

Tedros arongoye OMS, yavuze ko haheze imisi ibiri umuganga Hussam Abu Safriya afpunzwe, kandi ko ikibanza arimwo kitazwi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya n’abandi bagenye Hamas nk’umurwi w’iterabwoba.

Forum

XS
SM
MD
LG