Abatavuga rumwe na reta n'abaserukira amashirahamwe yigenga muri Gineya batangaje ko batazosubira kwemera abategetsi bayoboye igihugu batubahirije ikiringo ca nyuma co gusubiza ubutegetsi bugendera ku mategeko.
Kw’italiki 31 y’uku kwezi kw’icumi na kabiri ni ho vyari bitegekanijwe ko igihugu ca Gineya gisubira ku ntwaro y’igisivile yisunga ibwirizwa shingiro. Ikiringo ntarengwako cari cumvikanyweko n’ishirahamwe rijejwe gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO.
Yamara mu ndwi zibiri ziheze, abategetsi ba Reta ya Gineya baratangaje ko batazokubahiriza ico kiringo ntarengwako. Ahubwo batangaje intambwe ya kabiri yo gusubira gutunganya neza inzego z’igihugu. Nta birenga aho bamenyesheje.
Mw’itangazo, urunani ruhuza imigambwe itavuga rumwe na reta n’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu rwasavye ishirwaho ry’ikiringo mfatakibanza kirongowe n’abasivile. Urwo runani rwagirije abategetsi bahari muri iki gihe ko bananiwe gushira mu ngingo ivyo bemereye abanyagihugu.
Abdoul Sacko, ayoboye rimwe mu mashirahamwe agize urunani, yatangaje ko ikiringo mfatakibanza cumvikanyweko n’Abanyagineya n’amakungu kigiye kurangira.
Yanebaguye reta ihari muri iki gihe mu kuvuga ko ata ntambwe yigeze igira mu nzira ya demokrasi. Yavuze ko ata migambi abategetsi b’abasirikare bahari muri iki gihe bafise yo gusubiza igihugu mu ntwaro yubahiriza ibwirizwa shingiro.
Forum