Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Ubwato Bwayo Bwibiye Bwakozweko Igitero c'Iterabwoba


Uburusiya ejo kuwa gatatu bwatangaje ko ubwato butwara ibicuruzwa n'imizigo bwazamye muri iyi ndwi mu mazi mpuzamakungu yo mw'ibahari Mediterane bivuye ku gitero c’iterabwoba. Isosiyete ya Reta y’Uburusiya ubwo bwato bwegukira, Oboronlogistika, yavuze ko igitero cakozwe kw’itariki 23 y’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2024.

Ubwo bwato bwibiye mu mazi mpuzamakungu y’ibahari Mediteranje, hafi y’igihugu ca Espanye mu gitondo co ku musi wa kane. Hari inyuma y’uko abadereva babwo barungitse ubutumwa buvuga ko bwari bufise ingorane ku musi wa mbere.

Abategetsi b’Uburusiya, bavuze ko amabombe yaturitse incuro zitatu zikwirikiranya kuri ubwo bwato, imbere y’uko butangura kwibira. Ubwo bwato bwegukira isosiyete Oboronlogistika, yegukira ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi y'Uburusiya, ntiyatangaje ivyemezo ifise vyatumye itangaza ko igitero c’iterabwoba ari co catumye ubwato Ursa Major bwibira.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwatangaje ko abantu 14 kuri 16 bakora muri ubwo bwato, Ursa Major, batabawe, bajanwa ku kivuko c’igisagara ca Cartagena, muri Espanye. Irengero ry’abandi bantu babiri ntirizwi. Ubwo bwato bwari buvuye mu gisagara ca Saint Petersburg, bugana mu ca Vladivostok, kiri mu buseruko bw’Uburusiya.

Forum

XS
SM
MD
LG