Abategetsi ba Republika ya Demokarasi ya Kongo baraye barekuye abashinwa 14 kuri 17 bari bataye muri yompi bagiriza ibikorwa vyo gucukura inzahabu bidaciye mu mategeko.
Abarekuwe bari bahagaritswe mu ndwi iheze, bari kumwe n’abandi banyagihugu ba Kongo hamwe n’abakomoka mu Burundi. Bahagaritswe kubera “ Batashoboye kwerekana impapuro zemeza ko bafise uburenganzira bwo gucukura amabuye y’agaciro muri Kongo”
Abashinwa 14 bose barekuwe ejo ku wa kabiri, baciye basubira iwabo nkuko amakuru atangazwa n'itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, dukesha ino nkuru abivuga.
Jean-Jacques Purusi Sadiki, buramatari w’intara ya Kivu y’epfo bari barafatiwemwo yabwiye abamenyeshamakuru ko yababajwe no kumva barekuwe. Yasiguye ko abashinwa bacukura amabuye y’agaciro muri Kongo baheraniye reta amatagisi agera ku miriyoni 10 mu madorari ya Amerika, hamwe n’amande batarayiriha.
Umunsi bahagarikwa, bari abashinwa bagera ku 60, ariko muri abo haza gutabwa muri yompi 17 gusa. Ubuserukizi bw’Ubushinwa I Kinshasa bwanse kugira ico buvuga kuri ino nkuru.
Mu bahagaristwe, harimwo Abarundi n’ubwo Ijwi ry’Amerika tutashoboye kumenya igitigiri cabo. Itororokaniririzo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters dukesha ino nkuru, ryavuze ko ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu bwaritangarije ko hari amakuru bugikusanya biciye ku babuserukira I Bukavu.
Bernard Muhindo, atwara ubushikiranganji bw’ubutunzi muri Kivu y’Epfo, nawe yavuze ko abahagaritswe bose batawe muri yompi mu ntumbero yo guteza imbere imikorere y’ico gisata.” Yagize ati: “ Ntitwabikoze nk’uruhigi rw’abantu. Twabikoze ahubwo kugira tuvane akajagari kari mu gisata c’icukurwa ry’ubutare n’amabuye y’agaciro mu ntumbero yo korohereza abafatanyabikorwa bizewe, kugira bakore baroraniwe kandi biciye mu mategeko.”
Abategetsi ba Republika ya Demokarasi ya Kongo bavuga ko haheze igihe bibagora guhagarika amasosiyete acukura ubutare n’amabuye y’agaciro atabifitiye uburenganzira. Rimwe na rimwe, imirwi yitwaje ibirwanisho irwiriye muri ico gihugu, nayo nyene irikika mu kiza igacukura amabuye y’agaciro arimwo inzahabu n’ayandi. ( REUTERS)
Forum