Leta zunze ubumwe z'Amerika yarungitse abayiserukira ku rwego rwo hejuru i Damas ku murwa mukuru wa Siriya. Bagiye gukorana ibiganiro n'indongozi z'umurwi Hayat Tahrir al-Sham (HTS), uri ku butegetsi muri Siriya, inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Bashar al-Assad.
Ubushikiranganji bw’imigenderanikre y’Amerika n’amakungu bwavuze ko intumwa za Amerika ziri muri Siriya ari Barbara Leaf ajejwe umugabane w’uburasirazuba bwo hagati y’isi muri ubwo bushikiranganji, Roger Carstens, intumwa idasanzwe ya Prezida Joe Biden ku bijanye n’imbohe, na Daniel Rubinstein, aheruka gushingwa amabanga y’ukwirikirana ibiraba Siriya mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika.
Abo bategetsi ni bo ba mbere Amerika irungitse muri Siriya. Ibiganiro bazokorana n’abatembagaje ubutegetsi bwa Bashar al-Assad na vyo nyene, bizoba bibaye ivya mbere bibaye amaso mu yandi hagati y’izo mpande zibiri.
Bitegekanijwe ko baganira ku bijanye no kubahiriza agateka k’inkehwa zo muri ico gihugu, Amerika yipfuza ko zironka ibibanza muri reta y’imfatakibanza. Intumwa za Amerika zitegekanya kandi kuzosaba amakuru mashasha ajanye n’umumenyeshamakuru Austin Tice afise ubwenegihugu bwa Amerika, yanyurujwe mu 2012 ari mu rugendo rw’akazi, hamwe n’abandi banyagihugu ba Amerika bose banyurujwe ku ntwaro ya Bashar al-Assad, aherutse gukurwa ku butegetsi.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika, Mathew Miller, avuga ko abo bategetsi bazokorana kandi ibiganiro n’abanyagihugu ba Siriya, abari mu mashirahamwe yigenga, abaharanira agateka ka zina munu, abaserukira ubwoko butandukanye bugize Siriya, kugira bumve ico bibaza kuri kazoza k’igihugu cabo, n’ico babona Amerika yobafasha.
Ku ruhande rw’indongozi nshasha za Siriya zigizwe ahanini n’umurwi wa Hayat Tahrir al-Sham (HTS), ukomeye mw’ihuriro ry’abahoze ari abarwanyi batembagaje ubutegetsi bwa Siriya, Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, rivuga ko ata nkenka bazosaba Amerika kuvana uwo murwi ku rutonde rw’imirwi ikora iterabwoba.
Urugendo rw’abategetsi ba Amerika muri Siriya ruje rukwirikira urundi rwakozwe n’abategetsi bo mu bihugu vyo mu burengero birimwo Ubufaransa n’Ubwongereza.
Ibihugu vyinshi vyo mu burengero vyari vyarahagaritse imigenderanire na Siriya. Amerika yugaye ubuserukizi bwayo i Damas mu 2012. Ubufaransa na bwo nyene bwari bwarabwugaye ariko muri ino ndwi bwarasubiye kubwugurura. (REUTERS)
Forum