Liyetena Jenerari Jules Banza Mwilambue yagenywe mu mabanga y’umukuru w’ingabo z’igihugu, FARDC. Jenerari Tshiwewe Songesha Christian, yahora muri ayo mabanga, Prezida Tshisekedi yaciye amugira umunyamabanga mukuru wiwe mu vya gisirikare. Yatwara ibiro bikuru vya gisirikare muri Kongo kuva mu 2022.
Jenerari Majoro Christian Ndaywel nawe yahora atwara urwego rw’iperereza bamugize umukuru w’ingabo za Kongo zirwanira ku butaka.
Jenerari Majoro Jérôme Chico Tshitambwe yahora ari icegera c’umukuru w’ingabo za Kongo akaba ari nawe yari ajejwe ibikorwa vya gisirikare ku rwego rw’igihugu, n’ivyo guhasha umurwi wa M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru, yagizwe umukuru w’ingabo z’akarere ka mbere ko kwivuna, karimwo na Kinshasa.
Itangazo ryasomewe kuri radiyo na tereviziyo vy’igihugu muri Kongo rivuga ko impinduka zabaye inyuma y’inama nkuru y’abagize reta vyabaye « ngombwa ko iba kandi vyihuta.
Impinduka zibaye mu buyobozi bw’igisirikare ca Kongo ni zo za mbere zikomeye kuva mu 2021 igihe umurwi wa M23 wasubira gukaza ibitero vyawo. Ni impinduka zibaye mu gihe biriko biragora ingabo za Kongo kwisubiza bumwe mu buce bwigaruriwe n’abarwanyi ba M23, « bariko baratera intambwe nini mu buseruko bw’ico gihugu. »
Itorororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP dukesha ino nkuru, ritangaza ko hambavu y’ubuseruko bwa Kongo, abarwanyi ba M23 bivugwa ko bashigikiwe n’u Rwanda mu ntambara ibera mu ntara ya Kivu ya ruguru.
M23 ni gake yateye intambwe mu bice vy’iyo ntara. Ariko ku bwa AFP, kuri ino ncuro, basigaje ibirometero bigera kuri 50 kugira bashikire igisagara ca Butembo gifatwa nk’umutima w’ubudandaji bwa Kivu ya ruguru.
Intambwe nini bateye nkuko AFP ibandanya kubivuga, bayiteye inyuma yaho inama yari itegekanijwe kuba ku wa Mungu w’indwi iheze hagati ya prezida wa Kongo Félix Tshisekedi n’uw’u Rwanda Paul Kagame isivye.
Iyo nama yari kubera i Luanda ku murwa mukuru wa Angola, ihagarikiwe na prezida w’ico gihugu Joao Lourenço, yagenywe n’ubumwe bwa Afurika nk’umuhuza mu matati u Rwanda rufitaniye na Kongo. Ivyo bihugu uko ari bibiri vyitana ba mwana ku catumye inama itaba. (AFP)
Forum