Arabiya Sawudite yamejwe icese, kuri uyu wa gatatu ko ari yo izokwakira igikombe c’isi yose c’abagabo co mu mwaka w’i 2034. Bizoha akaryo ico gihugu gitunze ibitoro vyinshi ko gukoresha imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari kugira cakire ico gikombe.
Cari kimaze gukoresha amafranga menshi cane kugira cakire inkino mpuzamakungu zitandukanye. Umuganwa nyen’ingoma Mohammed bin Salman ni we ari inyuma y’iyo migambi.
Yatangaje ko igihugu ciwe citeguriye kuzokwakira igikombe c’isi c’akataraboneka. Yavuze ko ivyo bazobishikako bakoresheje inguvu n’ubushobozi bwabo mu ntumbero yo kunezereza abakunzi b’umupira w’amaguru bo mu bice bitandukanye vyo kw’isi.
Arabiya Sawudite cari co gihugu conyene cari casavye kwakira ico gikombe. Ingingo y’ishirahamwe FIFA, yabereye hamwe n’iyo kwemeza ko ibihugu vya Espanye, Portugal na Maroke bizokwakirira hamwe igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2030.
Arabiya Sawudite yemejwe icese mu nama umuyobozi mukuru w’ishirahamwe FIFA, Gianni Infantino yagirishije, kuri uyu wa gatatu, mu gisagara ca Zurich, mu buswise, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.
Infantino yatangaje ko itora ryabaye mw’ikoraniro ry’ishirahamwe FIFA ryari ritomoye.
Abategetsi b’ishirahamwe FIFA n’aba Arabiya Sawudite batangaje ko kwakira igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2034 bizokwihutisha ihinduka ry’ibintu harimwo uburenganzira bw’abapfasoni n’abakenyezi.
Gianni Infantino, yatangaje ko igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru ari ikintu kidasanzwe gihindura ibintu mu nzira nziza ku bijanye n’imibano n’ubumwe hagati y’abantu. Yatangaje ko afitiye icizere gikomeye cane ibihugu bizokwakira ibikombe vy’isi yose vyo mu mwaka w’i 2030 no mu w’i 2034 ko bazobitunganya ku buryo zizoshimisha amakungu nk’uko azoba avyiteze.
Urunani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yatangaje ko ishirahamwe FIFA, ryafashe ingingo igayitse yo kwemeza igihugu ca Arabiya Sawudite ko ari co kizokwakira igikombe c’isi yose kitarihumurije ku mugaragaro ko kizokwubahiriza agateka ka muntu.
Mu kiringo c’ukurondera kwemerera Arabiya Sawudite, kwakira igikombe c’isi, FIFA yaremeye gusuzuma mu buryo bugereranye inyifato y’ico gihugu ku bijanye n’agateka ka muntu.
Arabiya Sawudite itegekanya gukoresha imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari agenewe imigambi y’inyubako ijanye n’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2034.
Forum