Imisi mikeyi inyuma y’uko abonanye na Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macrorn na Prezida watowe muri Amerika, Donald Trump, Prezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, yatangaje ko gukorera hamwe mu ntumbero yo guhagarika ingwano mu gihugu ciwe ari igikorwa gitegerezwa gushimikiwako kurusha ibindi.
Yarashimiye Trump kuva yariyemeje bikomeye ku vyerekeye guhagarika ingwano mu gihugu ciwe mu buryo butarenganya uruhande na rumwe.
Prezida Zelensky, yatangaje ko azi neza ko Amerika ifise ububasha bwo kurangura ibintu bikomeye cane, ibindi bihugu vyo kw’isi bitashoboye kurangura.
Yavuze ko kugira ingwano mu gihugu ciwe irangire, hakwirikiye kuba ubumwe hagati ya Amerika, Ubulaya n’ibindi bice vyo kw’isi bishira imbere amahoro n’umutekano.
Prezida Zelensky yabitangaje mu gihe hari ibibazo ku kugene Amerika izobandanya ishigikira igihugu ciwe, mu gihe Donald Trump yimirije gusubirira Joe Prezida Biden mu kwezi kuza.
Ku ntwaro ya Prezida Biden, Amerika yarayoboye utwigoro two guha Ukraine imfashanyo ya gisirikare y'agaciro k’imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari, kugira ico gihugu gishobore kwivuna ibitero vy’Uburusiya.
Inyuma y’uko abonanye na Prezida Zelensky, ku musi w’Imana, Donald Trump yatangaje ko hotegerezwa kuba agahengwe bidatevye muri Ukraine, ibiganiro hagati y’ico gihugu n’Uburusiya bigatangura.
Forum