Uko wahagera

ONU Irasaba Gushiraho Reta Mfatakibanza muri Siriya


Geir Pedersen, intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Siriya
Geir Pedersen, intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Siriya

Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Siriya, Geir Pedersen, asaba ugutegura no gushira mu ngiro ikiringo mfatakibanza ca politike mu gihugu.

Abivuze inyuma y'uko Prezida Bashar al-Assad akuwe ku butegetsi muri ico gihugu.

Mu kiganiro yahaye abemenyeshamakuru i Geneve mu Buswise, Pedersen, yatangaje ko Siriya ikeneye amasezerano yemewe yerekeye ikiringo mfatakibanza aserukira impande zitandukanye mu gihugu.

Iyo ntumwa yatangaje ko ikiringo nk’ico cotuma amakungu akuraho ibihano yafatiye Siriya, n’impunzi zigatahuka. Yavuze ko bitabaye uko ingwano ishobora gusubira kwaduka mu gihugu.

Pedersen, yavuze ko aka ari akaryo ko guhindura ibintu muri Siriya, ko yamara Abanyasiriya bakwirirkiye kuhabonera akaryo bonyene ubwabo, bashigikiwe n’ishirahamwe ONU n’amakungu.

Ahmad al-Sharaa, ayoboye abarwanya ubutegetsi, azwi cane kw’izina rya Abu Mohammad al-Golani, kuri uyu wa kabiri, yemeye gushira ahabona amazina y’abategetsi bakomeye ba reta yakuwe ku butegetsi ya Prezida Bashar al-Asaad bagize uruhara mu kuboreza igufa abanyagihugu.

Yatangaje ko udushimwe tuzotangwa ku bazotanga amakuru ku basirikare n’abajejwe umutekano bakomeye bagize uruhara mu vyaha vyo mu ntambara.

Reta y’Ubudagi, mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere, yatangaje ko Chanseliye Olaf scholz na Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, bakiye neza irangira ry’intwaro ya Asaad.

Batangaje ko biteguriye gukorana n’abategetsi bashasha hisunzwe iyubahirizwa ry’agateka ka muntu n’ikingirwa ry’ubwoko n’amadini biri ku rushi.

Forum

XS
SM
MD
LG