Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yagirije u Rwanda "Gukora Ibikorwa vy'Iterabwoba mu Burundi"


Prezida w'Uburudi, Evariste Ndayishimiye yongeye gutangaza ko umubano w’igihugu ciwe n’u Rwanda ukirimwo agatotsi. Yabwiye Televiziyo yo mu Bufransa TV 5 Monde ko ingorane ziri ku ruhande rw’u Rwanda.

Yabivugiye mu kiganiro cabereye ku ngoro yiwe I Bujumbura, inyuma y’inama y’abanyamitahe yabaye mu Burundi mu ndwi iheze. Umumenyeshamakuru wa TV Monde 5 yabajije Prezida Ndayishimiye ibibazo bitandukanye birimwo politiki, ubutunzi, iterambere, n'imigenderanire n'amakungu. Kuri iyo ngingo ya nyuma, ikibazo cagarutse cane ni ikiraba imibanire y’Uburundi n’igihugu kibanyi c’u Rwanda.

Kuva mu mwaka w’2015, umupaka uhuza ibihugu vyompi wafunguye igihe kirenze gato imyaka ibiri. Wafunzwe bwa mbere muri 2015, uza gufungurwa mu mwaka wa 2022. Reta y’Uburundi yongeye gufunga uwo mupaka mu kwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2024. Nubu uracugaye, kandi nta biganiro bizwi vyoba biriko birakorwa kugirango ufungurwe.

Mu vyo umumenyeshamakuru wa TV Monde 5 yabajije Prezida Ndayishimiye harimwo ukumenya niba abantu bashobora kwitega ko ibintu bishobora gusubira kumera neza hagati y’ibihugu vyompi, Prezida Evariste Ndayishimiye yagize ati: "Si irya mbere bugara imbibe. Igihe abakoze kudeta bahungira mu Rwanda, twarugaye imbibe. Mu mwaka w’i 2020, nashaka kwerekana ko nipfuza ko ibintu bisubira mu buryo ndugurura imbibe. Naratanguye ibiganiro n’u Rwanda, twarahuye turaganira kandi twarumvikanye neza. Prezida w’u Rwanda yaremeye gutanga abakoze kudeta kugira bashirwe mu minwe y’ubutungane. Imirwi y’abahinga baserukira ibihugu vyompi barahuye akatari musi ya gatanu barumvikana. Yamara hageze gushira mu ngiro ivyo bumvikanyeko, ni ho ibintu vyagoraniye gushika ubu"

Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yatangaje ko yamara ari ibintu bibabaje kubonako mu gihe u Rwanda rwanse gutanga "abakoze kudeta, bakora iterabwoba mu Burundi baturutse mu Rwanda, kandi bishe abantu, bakoze ivyaha vy’iterabwoba mu gihugu."

Abajijwe niba yagiriza u Rwanda ko rwakoze ibikorwa vy’iterabwoba ku butaka bw’Uburundi, Prezida Ndayishimiye yagize ati: "Ivyo ni ukuri, kubera bava mu Rwanda. Imigambi itegurirwa mu Rwanda. u Rwanda ni rwo rwabahaye indaro, kandi ni rwo rubaha ivyo bakenye. Binjira mu Burundi bavuye mu Rwanda. Kugira twubahirize umutakano w’Abarundi, twategerejwe kwugara imbibe gushika u Rwanda rwerekanye ko ruhinduye inyifato yarwo ku bijanye no gushira mu ngiro amasezerano yapfunditwe hagati y’ibihugu vyompi, hagati y’abakuru b’ibihugu n’abahinga b’ibihugu vyompi"

Prezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko umusi u Rwanda ruzoshikiriza abakoze kudeta, Uburundi buzosubira kwugurura imiryango yabwo. Yavuze ko ikibazo kitari ku ruhande rw’Uburundi, ko ikibazo kiri ku ruhande rw’u Rwanda.
Radiyo Ijwi ry’Amerika ntiyashoboye guhita ibaza Reta y’u Rwanda ngo twumve ico ivuga ku vyatangajwe na Prezida w’Uburundi.

Forum

XS
SM
MD
LG