Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwongereje Ibihano Bwafatiye Kongo


Prezida wa Kongo Félix-Antoine Tshisekedi Tshilombo
Prezida wa Kongo Félix-Antoine Tshisekedi Tshilombo

Inama nkuru y’ishirahamwe ry’umuryango w’Ubulaya, kuri uyu wa mbere, yarongereje mu kiringo c’uwundi mwaka ibihano yafatiye Republika ya demokrasi ya Kongo, gushika kw’italkiki 12 y’ukwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka w’i 2025.

Ivyo bihano vyerekeye abantu 23 hamwe n’ishirahamwe rimwe kubera bahonyanze agateka ka muntu, bivanze mu matora kandi bafise uruhara mu ntambara ibandanya mu gihugu. Amatungo y’aberwa n’ivyo bihano azohagarikwa kandi ntibazoshobora kugira ingendo mu bihugu bigize iryo shirahamwe.

Ishirahamwe ry’umuryango w’Ubulaya ryatangaje ko rizobandanya gukwirikirana uko ibintu bizotera bigenda muri Republika ya Demokrasi ya Kongo. Rishobora guhindura abari ku rutonde rw’ivyo bihano, bivuye ku kugene ibintu bizoba vyifashe mu gihugu. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG