Uko wahagera

Ubufaransa Buri mu Ruhagarara rwa Politike Rwatewe n'Ikomborwa ry'Umushikiranganji wa Mbere


Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, yasavye ko haba inama n'abanyapolitike batandukanye kugira batunganirize hamwe imigambi ya reta nshasha. Ni mu gihe hari uruhagarara rwa politike rwatewe n'ikurwa mu mabanga yiwe ry'umushikiranganji wa mbere, Michel Barnier.

Umuyobozi w’umugambwe, Les Verts” Marine Tondelier, yabitangaje inyuma y’uko abonanye na Prezida Emmanuel Macron mu biro vyiwe. Inyuma y’amatora y’abashingamateka yabaye imbere y’igihe, vyafashe Prezida Macron, hafi y’amezi abiri kugira agene Michel Barnier mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

Michel Barnier, yakuwe mu mabanga yiwe, mw’itora ryatunganije mu ntumbero yo kumwambura icizere ryabaye mu ndwi iheze. Nta matora ategekanijwe kuba imbere y’ici riza. Ni co gituma Prezida Macron yasavye ko haba inama y’abanyapoltike batandukanye kugira baganire uburyo bwobahuza muri reta nshasha.

Muri iki gihe Prezida Macron aramaze kubonana n’abayobozi b’imigambwe itandukanye, umwe umwe wese ukwiwe. Mu ndwi irangiye, Prezida Macron yaratangaje ko ategekanya kurangiza ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka w’2027. Yavuze ko azofata ingingo z’akamaro mu mezi 30 asigaranye, kandi ko azogena umushikiranganji wa mbere mu misi iri imbere. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG