Uko wahagera

Kongo Yitwariye u Rwanda muri Sentare Yubahiriza Agateka ka Muntu muri Afrika.

Prezida w'u Rwanda n'u wa Kongo
Prezida w'u Rwanda n'u wa Kongo

Republika ya demokrasi ya Kongo yitwariye u Rwanda muri sentare ijejwe agateka ka muntu n'uburenganzira bw'abanyagihugu ku mugabane wa Afrika.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe ubutungane n’ibibazo bijanye n’amategeko muri Kongo, Samuel Mbemba, yavuze ko iyo ari ingingo ihambaye cane, inyuma y’ivyo yavuze ko ari ugusahura, gufata abana n’abakenyezi ku nguvu no kugandagura abantu mu gihugu ciwe.

Iyo ngingo ifashwe amezi ane inyuma y'uko Republika ya Demokrasi ya Kongo yitwariye u Rwanda muri sentare ijejwe ubutungane mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko. Reta ya Kongo yagirije u Rwanda ko rwarenze ku bwigenge n’imbibe zayo, rwakoze ubwicanyi bukabije ku basivile, kandi rwarenze ku mategeko mpuzamakungu mu buseruko bw’igihugu.

Republika ya demolkrasi ya Kongo yagiriza u Rwanda ko rushigikiye umurwi M23 ivuga ko wakoze ubwicanyi bukabije ku basivile mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Muri ico gihe, ibiro vya Prezida wa Angola, vyatangaje ko bitegekanijwe ko abakuru b’ibihugu vya Kongo n’u Rwanda bahura kw’itariki 15 y’uku kwezi mu nama zibera ku murwa mukuru wa Angola, Luanda. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG