Intambara yasubiye kwaduka mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo, naho amasezerano yo guhagarika ingwano yari yapfunditswe hagati y'igisirikare ca reta n'abarwanya ubutegetsu bo mu murwi M23.
Ni iyindi nshuro yo kurenga ku masezerano yo guhagarika ingwano kubaye imbere vy’ibiganiro vyo guhuza impande zitana mu mitwe bishobora kuba.
Igisirikare ca Reta ya Kongo catangaje ko abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23 batakaje abantu benshi mu ngwano yabereye muri teritwari ya Lubero mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, ku musi wa mbere, harimwo abatari bake bakomeretse.
Umuvugizi w’umurwi M23, mu butumwa ku rubuga X, yavuze ko uwo murwi watewe n’igisirikare ca reta mu masaha ya kare yo kuri uyu wa kabiri.
Reta ya Kongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyagiriza u Rwanda ko rushigikiye umurwi m23. Ico gihugu gihakana ivyo birego.
Yamara, mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka u Rwanda rwatangaje ko rwakajije umutekano warwo ku rubibe na Kongo, ruhashyira inteko n’imbunda za rutura.
Rwatangaje ko inteko za Reta bya Kongo zariko ziriyongera hafi y’urubibe u Rwanda ruhana n’ico gihugu.
Mu ndwi iheze, abashikiranganaji bajejwe imigenderanire ba Kongo n’u Rwanda barumvikanye ku bisabwa kugira inteko z’u Rwanda zigabanye abasirikari hafi y'urubibe na Kongo.
Nta gihindutse aba Prezida Paul Kagame w'u Rwanda na Felix Tshisekedi wa Kongo bazohurira mu nama I Luanda muri Angola kw'igenekerezo rya 15 uku kwezi.
Forum