Abantu bose bamaze gupfa ni abo mu ntara iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Republika ya demokrasi ya Kongo, mu kwezi kw'icumi na rimwe.
Abategetsi bo muri ako karere batangaje ko abanduye iyo ndwara bafise ibimenyetso nk’ivy’ibicurane, birimwo umuriro mwinshi mu mubiri hamwe no kumeneka umutwe. Remy Saki, icegera ca bulamatari w’intara ya Kwango, iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Kongo n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Apollinaire Yumba, bavuze ko umurwi w’abaganga baharungitswe gufata ibipimo kugira bemenye iyo ndwara iyo ari yo.
Ibintu birateye impungenge cane mu gihe ibitigiri vy’abanduye iyo ndwara itaramenyekana bibandanya kwiyongera, nk’uko bitangazwa na Cephorien Manzanza, ayoboye shirahamwe ryitaho inyungu z’abanyagihugu. Yasiguye ko hari ikibazo kijanye no gutanga imiti muri ako karere, kandi ko abantu barwaye bapfira mu ngo zabo kubera ukutavurwa. Umuhinga mu vyerekeye indwara z’ibiza mu ntara ya Kwango yatangaje ko abapfasoni n’abana ari bo basinzikajwe n’indwara nshasha itaramenyekana.
Umuvugizi w’ishirahamwe ry’amagara y’abantu kw’isi, OMS, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko iryo shirahamwe ryaronse amakuru ku vyerekeye iyo ndwara itaramenyekana mu ndwi irangiye. Yavuze ko ishirahamwe OMS ririko rikorana n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Kongo ku bijanye ko gukora amatohoza kurushiriza kuriyo. (REUTERS)
Forum