Uko wahagera

Mali Yemeza ko Yishe “ Abarwanyi Benshi b’aba Tuareg Barimwo Umukuru Wabo"


Reta ya Mali itangaza ko yishe “ Abarwanyi benshi bo mu murwi w’aba Tuareg, barimwo indongozi nkuru z’uwo murwi yitwa Fahad Ag Almahmoud”

Ubutegetsi bwa Mali buvuga ko igitero c’indege itagira umudereva, Drone, bwigamvye cabereye mu buraruko bw’igihugu.

Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, akorera mu gisagara citwa Tinzaouaten kiri ku rubibe Mali ihana na Aljeriya yemeje ivy’iki gitero, avuga ko yaciboneye.

Igisagara ca Tinzaouaten cabereyemwo igitero kiri mu minwe y’urunani rw’abarwanyi rwitwa Cadre stratégique permanent pour la défense du peuple de l'Azawad (CSP-DPA).

Amasezernao y’amahoro hagati y’abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Tuaregs muri Mali na reta y’ico gihugu yateweko igikumu mu 2015, yasambutse mu kwezi kw’indwi uno mwaka, gutyo intambara iba isubiye kwaduka hagati y’izo mpande zibiri. Mu bamaze kurwa muri iyo ntambara, harimwo abasirikare ba Mali n’abacangero b’abarusiya.

Fahad Ag Almahmoud ubutegetsi bwa Mali bwemeza ko bwishe aza imbere mu bafise uruhara runini mu biganiro vy’amahoro hagati y’abarwanyi b’aba Tuaregs n’ubutegetsi bwa Mali.

Forum

XS
SM
MD
LG