Uko wahagera

Imisozi Yasenyutse muri Uganda Kubera Imvura Yahitanye 13


Muri Uganda, abantu 13 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’imisozi yasenyukiye ku mazu yabo biturutse ku mvura y’isegenya.

Ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge, ritanga ibi bitigiri, rivuga ko bishobora kwiyongera umwanya n’umwanya kuko hari benshi bakironderwa.

Reta ya Uganda yabwiye ibitangazamakuru bikorera mu gihugu ko bivanye n’abakironderwa, abahitanywe n’imisozi yasenyukiye ku mazu yabo bashobora kuhava bagera kuri 30.

Hari abo reta yashoboye gutabara naho itatangaje igitigiri. Ikimenyeshamakuru The Daily Monitor co muri Uganda, kivuga ko abatabawe barwiriyemwo abana.

Muri rusangi, imisozi yasenyukiye ku mazu 40 yo mu birwati 6 vyo mu karere ka Bulambuli gaherereye mu buseruko bwa Uganda. Aka karere kari ku birometero 280 uvuye ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, karakunda kuvugwamwo isenyuka ry’imisozi. Karwiriyemwo amararo y’ibitungwa n’imirima.

Abategetsi ba Uganda bijeje ko bagiye kugarukira abarokotse no kubandanya ibikorwa vyo kurondera aboba bakiri munsi y’ibibomoke. Abamenyeshamakuru bari ku rubuga batangaza yamara ko bitoroshe kuko imvura ikigwa ari nyinshi, amabarabara nayo akaba yuzuye ivyondo.

Ibiro vy’umushikirangani wa mbere muri Uganda vyatangaje ibihe bidasanzwe mu gihugu cose, bivuga ko isegenya y’imvura yononye amabarabara menshi yo mu mihungo itandukanye y’ico gihugu(AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG