Uko wahagera

Igiterwa c’Amavoka Cashizwe ku Rutonde rw’Ibishorerwa Hanze y’Uburundi


Akamo ku mugambi wo kwijukira kurima igiterwa c’amavoka mu Burundi katewe n’umukuru w’igihugu
Akamo ku mugambi wo kwijukira kurima igiterwa c’amavoka mu Burundi katewe n’umukuru w’igihugu

Abarimyi bo mu ntara ya Cankuzo bijukiye kurima igiterwa c'amavoka kugira ngo bazoyashorere mu mahanga baronke amafaranga y'agaciro mvamakungu.

Muri abo harimwo abarimye ama hegitari arenga 100 y’amavoka. Bavuga ko babonye ko kurima ayo bashorera mu gihugu gusa bidashobora kubashikana kw'iterambere nyaryo.

Bamwe muri abo bahisemwo kugira urunani mu gushira hamwe amatongo bahitamwo kurima igiterwa c’amavoka gisigaye carashizwe ku rutonde rw’ibishorerwa hanze y’igihugu.

Akarorero ni umurima w’amavoka uteye ku mutumba wa Kigusu muri komine Cankuzo ungana na hegitare 105. Uwo murima ufise amavoka ubona ko azosarurwa mu mezi make ari imbere. Desire Sahinguvu ashinzwe uyo murima avuga ko uyo mugambi wiyumviriwe kugirango bazoyashore hanze y’igihugu, babashe kwinjiza amafaranga y’agaciro.

Desire Sahinguvu avuga kandi ko abarimyi b’igiterwa c’ivoka bo mu Cankuzo, bagerageza gukorera mu runani kuruta igihe umuntu yikoranye ari wenyene.

Abo barimyi bavuga ko kugira ngo bashikire imbonakazoza igihugu gitegekanya mu myaka iri imbere, basanga kubishikako hasabwa gukorera hamwe kugira ngo baronke umwimbu ukwiye.

Akamo ku mugambi wo kwijukira kurima igiterwa c’amavoka mu gihugu c’Uburundi katewe n’umukuru w’igihugu. Hakaba haciye hashingwa amasoko hirya no hino mu gihugu yo kwegeranirizamwo uyo mwimbu kugira ngo abarwizatunga bashorera hanze bayasange ahantu hamwe.

Naho biri uko abo barimyi b’igiterwa c’amavoka mu ntara ya Cankuzo bavuga ko bagira intambamyi zo kubura amazi akwiye yo kuvomera. Ikindi bavuga ni uko bataronka umwavu ukwiye w’ikirundi bakoresha mu gutabira iyo mirima y’amavoka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:27 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG