Uko wahagera

Kenya mu Matohoza yo Kumenya Ingene Kizza Besigye Yanyurujwe ari ku Butaka Bwayo


Kizza Besigye muri sentare ya gisirikare muri Uganda
Kizza Besigye muri sentare ya gisirikare muri Uganda

Reta ya Kenya ivuga ko yatanguye amatohoza yo kumenya ingene ingene Kizza Besigye, umunyepolitike atavuga rumwe na reta ya Uganda yavanywe muri ico gihugu akaja gupfungirwa muri Uganda.

Umunsi wa nyuma Kizza Besigye aboneka I Nairobi hari kuwa gatandatu w’indwi iheze. Inyuma yaho, yasubiye kuboneka ari muri sentare ya gisirikare muri Uganda, ariko aburanishwa ku vyaha bitandukanye birimwo gutunga ibirwanisho atabifitiye uburenganzira, no kuba yari yagiye muri Kenya kurondera abamushigikira kuja guhungabanya umutekano wa Uganda.

Umuvuvugizi wa reta ya Uganda ejo ku wa gatatu yamiriye kure abagirije ico gihugu kuba caranyuruje Besigye, avuga ko yashitse ku butaka bwa Uganda ku bufatanye bwa Kenya.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Kenya, bubicishije ku munyamabanga wabwo mukuru, bwihakanye Uganda, buvuga ko ata ruhara na rumwe ico gihugu gifise mw’ipfungwa rya Besigye bwise inyuruzwa. Bwijeje ko amatohoza yatanguye.

Kenya igize ico ivuga inyuma y’abatari bake bari bayagirije ko itashoboye gukingira Kizza Besigye

Forum

XS
SM
MD
LG