Uko wahagera

Ubwongereza Bwafatiye Ibihano " Bikaze" Abafasha Uburusiya Barimwo Abanyafurika

David Lammy, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza n'ayandi makungu
David Lammy, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza n'ayandi makungu

Ubwongereza bwafatiye ibindi bihano Uburusiya n’impande zitandukanye “z’ababufasha” mu ntambara bubandanya muri Ukraine. Guverinema y’Ubwongereza, ibicishije ku mushikiranganji ajejwe imigenderanire, yavuze ko ibihano vy’ino ncuro biremereye cane gusumba ibindi vyose ico gihugu cafatiye Uburusiya mu mezi 18 aheze.

Mu begwa n’ivyo bihano, harimwo abantu ku gatwe kabo, imirwi y’abacangero b’abanyafurika, n’abagize uruhara ku bitero vy’ubumara ku butaka bw’ Ubwongereza.

Ubushikiranganji bw’Ubwongereza n’ayandi makungu muri rusangi bwashize mu bihano abantu n’inganda 56. Mu bashizwe mu bihano, harimwo inganda 10 zo mu Bushinwa zoba zifasha cane Uburusiya cane cane mu vya gisirikare, izo muri Turukiya, Kazakistani n’zindi z’I Buraya.

Ubwongereza busigura ko ibihano bwafashe bigamije kubagamira ahanini utwigoro twose twa prezida w’Uburusiya Vladimir Putin mu vy’intambara, n’ibindi bikorwa “vy’ubugizi bwa nabi Ubwongereza bwemeza ko Uburiya bukora irya n’ino kw’isi”

David Lammy atwara ubushikiranganji bw’imigeneranire y’Ubwongereza, avuga kandi ko ibihano vy’ino ncuro bizoburizamwo “umugambi w’Uburusiya wo gutera akajagari muri Afurika” cane cane mu bihugu birimwo Centrafurika, Libiya na Mali. Mu bashizwe mu bihano harimwo abanyafurika 11. Imyidondoro yabo ntiyatangajwe.

Ubuserukizi bw’Uburusiya mu Bwongereza ntaco buravuga ku vyerekeye ibi bihano. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG