Uko wahagera

Abahitanywe n'Imvura muri Espagne Baba 100


Muri Esipagne, abategetsi kuri uyu wa kane basavye abanyagihugu baba mu bice vyasinzikajwe n'imyuzure yatewe n'imvura y'isegenya kuguma mu ngo zabo.

Umushikiranganji wa mbere wa Esipanye, Pedro Sanchez, yabitangaje mu gihe abajejwe gutabara babandanya kurondera abarokotse muri iyo myuzure yahitanye abantu batari musi ya 95.

Igihugu ca Esipanye catanguye icunamo c’imisi itatu ku bahitanywe n’iyo myuzure yasinzikaje cane cane intara ya Valencia iri mu buseruko bw’igihugu. Yatangaje ko igikomeye kurusha ibindi muri iki gihe ari ugutabara abantu bose barokotse.

Abajejwe gutabara vyihutirwa bafashijwe n’inteko zirenga 1.200, kuri uyu wa kane, bakwiragiye mu bisagara n’imihana vyasinzikajwe n’imyuzure. Bariko baromdera aboba barokotse.

Abategetsi ba Reta ya Esipanye bagabishije ko igitiiri c’abapfuye gishobora kwiyongera. Ni mu gihe irengeri ry’abantu batari bake ritazwi gushika ubu. Ibiro vy’igihug bijejwe ikirere AEMET, vyatangaje ko ibice bimwe bimwe vy’intara ya Valencia bishobora kugeramirwa n’imvura y’isegenya kuri uyu wa kane. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG