Uko wahagera

Hamas Yiyamiriza Umugambi wo Guhagarika Intambara mu Kiringo Gito


Umutegetsi akomeye wo mu murwi Hamas, kuri uyu wa kane, yatangaje ko uwo murwi wiyamiriza umugambi uwo ari wo wose werekeye guhagarika mu kiringo gitoyi ingwano imaze ikiringo kirenga umwaka hagati yawo na Israyeri, mu ntara ya Gaza.

Taher al-Nunu yavuze ko iciyumviro cerekeye guhagarika ingwano mu kiringo gitoyi, ku buryo isubira kubandanya inyuma y’aho, ari ikintu bamaze kuvugako bagashikiriza aho bahagaze. Yatangaje ko umurwi Hamas ushigikiye umugambi wo guhagarika ingwano burundu, aho kuyihagarika mu kiringo gitoyi.

Vyitezwe ko abariko bafasha kugira habe agahengwe mu ntara ya Gaza bashikiriza umurwi Hamas umugambi werekeye ako gahengwe ko mu kiringo kiri musi y’ukwezi. Inama hagati y’umukuru w’ibiro bijejwe iperereza vya Israyeri, Mossad, David Barnea, umuyobozi w’ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, Bill Burns, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Katari, yabereye mu gisagara ca Doha, yarangiye ku musi wa mbere. Baganiye ivyerekeye gushikiriza agahengwe ko mu kiringo kiri musi y’ukwezi.

Umugambi uriko utunganywa n’abo bategetsi usaba umurwi Hamas kurekura Abanyisrayeri wagize imbohe mu gihe usaba Israyeri kurekura Abanyapalestina bari mu mabohero yayo. Uyo mugambi urimwo kandi ingingo yo kwongereza imfashanyo igenewe intara ya Gaza.

Abategetsi ba Amerika bafise icizere ko agahengwe ko mu kiringo gitoyi gashobora gushikwako, kandi ko gashobora gutuma haba amazezeranao ntabanduka hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG