Uko wahagera

Abacuruzi Ndengambibe Basaba COMESA Gukuraho Inzitizi mu Guhanahana Ibidandanzwa


Chileshe Kapwepwe, Umunyamabanga mukuru wa COMESA
Chileshe Kapwepwe, Umunyamabanga mukuru wa COMESA

Mu Burundi abacuruza ibidandazwa ndengambibe barasaba abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’isoko rusangi ryo mu buseruko no mu bumanuko bwa Afrika, COMESA, kuvugana hagakurwaho inzitizi zicibokeneza mu guhanahana ibidandazwa.

Ni mu gihe hasigaye iminsi itatu gusa ngo ibihugu vy’uwo muryango 21 bihurire mu Burundi mu nama ya bose igira iya 23. Ikazoba ku wa kane w’iyi ndwi.

Ibikorwa vy’ibanze vy’iyo nama vyatangujwe kuri uyu wa mbere n’ihuririro rigira 17 hamwe n’ihayanishwa gurisha hagati y’abagwizatunga n’abadandaza ndengambibe bava mu bihugu bigize uwo muryango.

Ku ruhande rw’Abarundi, abadandaza ndengambibe barashima kubona iyi nama yakiriwe n’Uburundi, ariko baridoga ko inzitizi zikiri nyinshi, iyo bashoye ibidandazwa vyabo mu bihugu vy’uyu muryango wa COMESA.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi mu Burundi, Chantal Nijimbere aburongoye arahumuriza abo badandaza ndengambibe ko umuti w’ivyo bibazo uzoboneka vuba.

Umunyamabanga mukuru wa COMESA, Chileshe Kapwepwe, yariko yugurura iryo huriro nawe yahumurije abadandaza.

Yagize ati: “Ubunyamabanga bw’umuryango COMESA buriko burakorana cane n’ihuriro ry’abacuruza n’abagwizatunga b’uwo muryango kugira ngo hatezwe imbere ukwishira n’ukwizana kw’abantu no guhanahana ibadandaza mu karere ka COMESA. Biciye mu kworohereza abadandaza mu karere, dutegerezwa gukuraho intambamyi. Aha rero ndahashimikeko, ntidushobora kubandanya tuvuga ibijanye no kwinjira mu karere, mu gihe ivyo kwishira no kwizana, bikitugoye cane.”

Raporo y’ubudandaji yo mu 2023 y’umuryango wa COMESA, yerekana ko uwo muryango wose ugizwe n’abantu imiriyoni 640 hamwe n’urugero rw’ubutunzi rungana n’imiriyaridi 1094.

Umuryango COMESA wavutse mu kwa cumi na kabiri mu 1994, usubiriye uwundi muryango w’isoko rusangi ZEP wari wavutse mu 1981. Uburundi bwatanguranye na wo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:47 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG