Uko wahagera

Burundi: CENI Yatangaje ko Abagera kuri Miliyoni 6 Bitezwe Kuzitabira Amarora


Ntahorwamiye Prosper arongoye CENI
Ntahorwamiye Prosper arongoye CENI

Inyuma y’imisi itatu igikorwa co kwandika abazotora mu matora y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine, abarenga gato 1,700,000 nibo bamaze kwiyandikisha.

Bamwe mu banyagihugu n’abarongoye imigambwe baranegura kubona ico gikorwa cagizwe itegeko. Inkuru twateguriwe na Désiré Hatungimana

Igikorwa co kwandika abazitabira amatora y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine y’itariki zitanu z’ukwezi kwa gatandatu, mu mwaka 2025, catanguye igenekerezo rya 22 za kuno kwezi kirabandanya mu gihugu cose.

Kugeza kuri uno wa kane nkuko vyashikirijwe na Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wagatanu, yamenyesheje ko abarenga gato 1700 000 bamaze kwiyandikisha ku imiriyoni 6,000,000 zitezwe.

Ntahorwamiye yaboneyeho no guhimiriza abatariyandikisha kwitabira ico gikorwa. Abo batariyandikisha hirya no hino mu gihugu bagenda barahura n’ibibazo bitandukanye.

Uno munyagihugu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo ugiye gusaba ikintu muri komine utagihabwa uterekanye agapapuro wiyandikirishijeko kandi ico kiringo kitararangira akabona ko ari akarenganyo. Amenyesha ko bamwimye ifumbire n’imbuto yarihiye kubera atariyandikisha.

Kuri abo banyagihugu batakirwa n’inzego zijejwe intwaro kubera batariyandikisha, Ntahorwamiye abona ko ari ibisanzwe kandi vyumvikana mu ntumbero yo kubahimiriza kwitabira igikorwa catunganijwe na reta.

Ivyashikirijwe na Prosper Ntahorwamiye ntaho bitandukaniye n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku musi wa kabiri avuye kwiyandikisha.

Mu migambwe imwe imwe yemewe n’amategeko mu Burundi baranegura indongozi zidatunganiriza abanyagihugu kubera batariyandikisha. Gaspard Kobako arongoye umugambwe Intadohoka abona ko ibiriko birakorwa ari iterabwoba.

No mu mugambwe APDR babona ko agateka ka muntu kariko karahonyangwa. Bishikirizwa na Banzawidonde Gabriel arongoye APDR.

Denis Banshimiyubusa, umwigisha wa kaminuza yanonosoye ivyirwa vya politike, amenyesha ko Uburundi ari igihugu kigendera ku mategeko. Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ryemejwe n’abanyagihugu mu mwaka 2018, mu ngingo ya 87, rivuga riti: « uburenganzira bwo gutora burubahirijwe ». Banshimiye ubusa avuga ko ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo guca kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Uwo muhinga mu vya politike aranahimiriza abajejwe amadini, abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’abarongoye imigambwe, guhimiriza no kwigisha abanyagihugu akamaro ko kwitorera indongozi ata gahato.

Forum

XS
SM
MD
LG