Igisirikare ca Isirayeri kigwanira mu kirere cagevye ibitero ahari icicaro gikuru c’igisata kijejwe iperereza mu murwi w’abarwanyi ba Hezbollah n’ahahingurirwa ibirwanisho vy’uwo murw, I Beyerute ku murwa mukuru wa Libani.
Itangazo Isirayeri yasohoye rivuga ko ingabo z’ico gihugu zishe kandi Alhaj Abbas Salameh yari mu burongozi bwa Hezbollah, Radja Abbas Awache, umuhinga yari ajejwe ivyo gutanga amakuru muri uwo murwi na Ahmad Ali Hussein yari ajejwe ivy’ibirwanisho muri Hezbollah.
Isirayeri ntiyatomoye nimba abo bategetsi biciwe mu bitero Isirayeri yagavye ku cicaro gikuru ca Hezbollah n’aho uwo murwi uhingurira ibirwanisho, canke biciwe mu bindi bitero. Hezbollah ntaco iravuga kuri ano makuru.
Abo Isirayeri yemeza ko yishe, baje biyongera ku zindi ndongozi Hezbollah yishe ku wa gatanu muri zo harimwo icegera c’umukuru w’uwo murwi yitwa Bint Jbeil.
Hagati aho, Isirayeri yemeza ko yanasambuye amabarabara aca mu kuzimu ari mu buseruko bwa Libani ahari abarwanyi ba Hezbollah.
Forum