Uko wahagera

Sentare ya Kenya Yategetse ko Igena rya Visi Prezida Mushasha Riba Rirahagaze


Prezida William Ruto na Visi Prezida yakombowe Rigathi Gachagua
Prezida William Ruto na Visi Prezida yakombowe Rigathi Gachagua

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ya Kenya yategetse ko igenwa rya Profeseri Kithure Kindiki mu mwanya wa visi prezida riba rirahagaze gushika kw’itariki ya 24 z’uku kwezi.

Sentare nkuru ya Kenya ifashe iyo ngingo inyuma y’amasaha make inama nshingamateka y’ico gihugu yemeje ko Kindiki yoba visi prezida wa Republika ya Kenya.

Iyo sentare ivuga ko hari umurwi w’abacamanaza bariko baragenzura ivyaha Rigathi Gachagua, yaraye akombowe n’inama nkenguzamateka mu mabanga ya visi prezida yagirizwa.

Abakenguzamateka ba Kenya ejo ku wa kane mw’ijoro, bavuze ko basanze mu vyaha 11 Rigathi Gachagua yagirizwa, bitanu ari vyo bimwagira. Muri ivyo bitanu, harimwo guhonyora ku rwego rwo hejuru ibwirizwa nshingiro, ibiturire, gusuzugura inzego za reta, kubiba amacakubiri no kubangamira prezida wa Kenya.

Rigathi Gachagua yigeze kuba somambike wa Prezida William Ruto, arahakana ivyo yagirizwa vyose. Mu gatondo k’uno wa gatanu, yari yituye sentare nkuru ya Kenya ayisaba kuburizamwo ingingo imukombora, no kutemera ko Prezida Ruto agena uwumusubirira.

Profeseri Kithure Kindiki, Prezida Ruto yipfuza ko amubera visi prezida, yahora ari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu. Mu 2022 Ruto acitoza kuba prezida, yabonwa nk’umwe mu bashobora kuzomubera icegera. Kinkindi na Ruto ni incuti magara.

Rigathi Gachagua na Ruto nabo nyene barigeze kuba bacuditse gose, imbere y’uko ibere riyaga. Mu 2022, yaramufashije gushika ku butegetsi biciye mu kumuhesha amajwi avuye mu banyagihugu bo mu karere akomokamwo kitwa Mount Kenya.

Ni akarere karimwo abantu benshi bo mu bwoko bw'aba gikuyu. Gachagua yari amaze igihe yidoga avuga ko akumirwa n’ubutegetsi arimwo.

Ivyaha vyose yegetsweko na Sena arabihakana. Vyamwagiriye ejo ku wakane atari ho ari. Mu gihe yari yatumiwe n’abakenguzamateka ngo yisigure, uwumuburanira yavuze ko atashoboye kuhaba kubera uburwayi bwatumye yinjira ibitaro.

Ni ubwa mbere mu mateka ya Kenya visi prezida w’igihugu avuye mu mabanga yiwe birinze guca mu kweguzwa

Forum

XS
SM
MD
LG