Uko wahagera

Kithure Kindiki Yagenwe nka Visi Prezida Mushasha wa Kenya


Imbere y’uko yemezwa nka visi prezida, Kithure Kindiki, yari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu
Imbere y’uko yemezwa nka visi prezida, Kithure Kindiki, yari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu

Inama nshingamateka ya Kenya yemeje Profeseri Kithure Kindiki nka visi prezida mushasha wa republika ya Kenya.

Prezida wa Kenya, William Ruto, yagenye Kindiki uno munsi ku wa gatanu, inyuma yaho mw’ijoro ry’ejo ku wa kane, inama nkenguzamateka y’ico gihugu itoye yemeza ko Rigathi Gachagua avanwa mu mwanya wa visi prezida.

Kithure Kindiki ni incuti magara ya Prezida Ruto. Imbere y’uko yemezwa nka visi prezida, yari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu. Mu 2022 Ruto acitoza kuba prezida, yabonwa nk’umwe mu bashobora kuzomubera icegera.

Inama nkenguzamateka ya Kenya ivuga ko mu vyaha 11 Rigathi Gachagua yagirizwa, bitanu ari vyo bimwagira. Muri ivyo bitanu, harimwo guhonyora ku rwego rwo hejuru ibwirizwa nshingiro, ibiturire, gusuzugura inzego za reta, kubiba amacakubiri no kubangamira prezida wa Kenya.

Ibi vyaha vyose yavyagirijwe ejo ku wakane atari ho ari. Mu gihe yari yatumiwe na sena ngo yisigure, uwumuburanira yavuze ko atashoboye kuhaba kubera uburwayi bwatumye yinjira ibitaro.

Rigathi Gachagua yituye sentare nkuru ya Kenya ayisaba kuburizamwo ingingo ya sena imuvana ku butegetsi, no kutemera ko Prezida Ruto agena uwumusubirira.

Ni ubwa mbere mu mateka ya Kenya visi prezida w’igihugu avuye mu mabanga yiwe birinze guca mu kweguzwa.

Forum

XS
SM
MD
LG