Inyuma y’indwi hafi imwe igihuhusi gikaze ciswe Milton kibiciye bigacika muri reta ya Florida iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika, abanyagihugu bagera ku bihumbi 170 bo muri iyo reta n’ubu nta matara bafise.
Inzuzi zimwe zimwe ziracuzuye. Mu gihe hari abanyagihugu bakizeye inze kuri reta kugira bashobore kuronka ivya nkenerwa birimwo ibitoro, amwe mu mastasiyo agurirwako esensi ntarasubira gukora. Reta ya Florida yashizeho yamara ibibanza bigera kuri 10 abanyagihugu bo muri Florida bashobora kujako kugira baronke ibitoro vya gusa.
Mu kiganiro buramatari wa reta ya Florida, Ron DeSantis, yagiranye n’abamenyeshamakuru, yavuze ko naho hakiri vyinshi vyo gukora, ataworeka gushima ubukerebutsi bw’ababandanya gutabara ababikeneye mu buryo bwihuse.
DeSantis muri ico kiganiro yemeje ko abamaze gusubira kuronka amatara inyuma y’igihuhusi Milton cari ku muvuduko wo hejuru cane barenga imiriyoni zine. Abahitanywe n’ico gihuhusi Milton barenga 10, mu gihe abahitanywe n’igihuhusi Helen cabanjirije Milton barenga 240 (REUTERS)
Forum